Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida yatowe Donald Trump aranegura ONU
Prezida aheruka gutorwa wa Amerika Donald Trump yaneguye umuryango mpuzamakungu ONU avuga ko ari ishirahamwe ryifashe nabi.
Avugira kuri Twitter yavuze ko Onu ifise inguvu nyinshi ariko ngo isigaye ari ihuriro ry'abantu baja hamwe bakaganira, bakinezereza.
Mu ndwi iheze yarinjiye mu vyo akanama kajejwe umutekano ka ONU karimwo atuma amatora yo gufatira ingingo igihugu ca Israeli cagirizwa kugerera mu ntara ya West Bank yigizwa inyuma.
Iyo ngingo yahavuye itogwa ku musi wa gatanu bituma Trump agabisha ko ibintu bishobora kuba ukundi ni yamara kurahira ka mukuru w'igihugu.