Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abari mu biganiro vya Congo ntibarashika ku ngingo
Abayobozi ba Ekleziya Katolika bahagarikiye ibiganiro hagati y'abanye politike muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo bamenyesha ko ata mwumvikano ushobora gushigwako igikumu imbere y'indwi iza.
Hari ivyizigiro ko ibiganiro vyari bimaze iminsi bishobora gushika ku ngingo imebre y'umunsi mukuru wa Noheli.
Imishamirano hagati y'abari mu myiyerekano n'abajejwe umutekano yabaye ikiringo ca kabiri ca prezida Kabila kikirangira kuva mw'ijoro ryo ku wa mbere itariki 19 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, yahitanye abantu barenga 30.
Mu vyo abanyepolitike bari mu biganiro bamaze kumvikana, harimwo gushiraho umushikiranganji wa mbere musha azotorwa mu batavuga rumwe na leta, nayo perezida Kabila agakomeza gutegeka kugeza mu mpera z'umwaka uza.
Ariko hari ivyo bataraheza kwumvikanako, na cane bijanye no gusabikanya ubutegetsi muri leta y'infatakibanza.