Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tshisekedi asaba kugarariza mu mutekano
Etienne Tshikesedi yasavye abanye Congo kutemera ico yise "ubutegetsi butemewe n'amategeko bwa prezida Kabila".
Kuri video yashizwe kuri Youtube, Tshisekedi yavuze ko abanyagihugu bakwiye kugarariza mu mahoro kuco yise "ihirika ry'ubutegetsi".
Humvikanye urwamo rw'amasase i Kinshasa ku wa kabiri mu gitondo.
Abantu bari mu myiyerekano basavye ko Joseph Kabila ava ku butegetsi mu gihe ikiringo ciwe carangiye ku munsi wa mbere mw'ijoro.
Amatora yarungurujwe, ayo ngo ni amanyanga ya Kabila yo kurondera kuguma ku butegetsi, niko imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ivuga.
Ku wa mbere ku mugoroba, Kabila yaragenye reta nshasha.