Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakunzi b'umupira w'amaguru mu gahinda
Abakunzi b'umupira w'amaguru kw'isi bari mu gahinda gatewe n'urupfu rw'abakinnyi b'umugwi wa Chapecoense mu mpanuka y'indege yabereye muri Colombia.
Mu mujyi iyo kipe ikomokamo mu majyepfo ya Bresil, abafana bateraniye kuri sitade kugirango berekane akababaro kabo.
Umukuru w'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru ku isi Gianni Infantino n'umukinnyi w'icyamamare Pele bombi bavuze ko umupira w'amaguru uri mu kiriyo.
Ikipe ya Chapecoense yari igiye muri Colombia gukina n'ikipe ya Atletico Nacional of Medellin.
Abantu 75 bapfuye igihe indege barimo yagiriraga impanuka mu karere k'imisozi mu gihe ikirere kitari kimeze neza.
Udusanduku tubika amakuru y'ukuntu indege igenda bita black blox twose twabonetse.