Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda: 2 baregwa jenoside barengukijwe
Mugimba Jean Baptiste na Iyamuremye Jean Claude, bompi bakekwako kugira uruhara muri Jenoside yabaye mu 1994 mu Rwanda.
Mugimba Jean Baptiste yavutse muri 1959, ahahoze ari Gisenyi muri karere ka Mutura.
Mu 1994 yaba i Kigali, aho yari umukozi wa Banki Nkuru y'igihugu akaba n'umunyamabanga mukuru wa CDR.
Umushikirizamanza avuga ko akekwako uruhara muri jenoside yahitanye abatutsi mu muji wa Kigali.
Nayo Iyamuremye Jean Claude yavutse mu 1975 ahahoze ari i Gatare mu gace ka Kicukiro mu muji wa Kigali.
Umushikirizamanza bumenyesha ko akekwako uruhara mu bwicanyi bwahitanye abantu mu barenga ibihumbi bitatu bari bahungiye kuri ETO Kicukiro.