Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupfasoni Nana Rawlings mu matora ya prezida muri Ghana
Akanama kajejwe gutegura amatora muri Ghana kashize ahabona urutonde rw’abantu indwi bazohiganirwa ikibanza ca prezida itari indwi z’ukwezi kwa 12.
Batatu mu munani bari bakuwe ku rutonde hanyuma basubira gusaba busha, bari kuri urwo rutonde.
Muri bo harimwo Papa Kwasi Ndoum, yemejwe ari uko arinze kwitura ubutungane.
Nana Konadu Agyeman Rawlings, umupfasoni w’uwahoze arongoye ico gihugu, Jerry Rawlings, na we nyene yongeweko kuri urwo rutonde.
Prezida John Dramani Mahama asaka kwitoza ubugira kabiri, mu matora vyitezwe ko atazoba yoroshe.