Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora muri Amerika: amasoko y'amahera yahungabanye
Amasoko y'amahera muri Asia yahungabanijwe n'amatora yo muri Amerika inyuma yaho amajwi aguma ashikirizwa aha intsinzi umukandida Donald Trump.
Amasoko makuru makuru muri kino gihe yakorotse agaciro, amahera akaba ariko arungururizwa mu masoko yizewe kurusha nk'ay'inzahabu n'ay'ifaranga ry'i yen.
Hagati aho i Peso ryo muri Mexique riguma riri hasi y'i dolari.
Mu gihe abagwizatunga bari bizeye ko Hillary Clinton atsinda, ayo masoko arahungabana n'igihe amajwi aba atanguye kwegerana.
Nikkei 225 yo mu Buyapani yakorotse ibice 5.2% mu gihe Hang Seng yo muri Hong Kong yamanutse 3.8% hanyuma Shanghai Composite itakaza 1.6%.
ASX 200 yo muri Australia yakorotse 2.1% mu gihe Kospi yo muri South Korea yamanutse 3.1%.
Imbere yaha, amasoko ya Amerika naya Buraya yugaye ari hejuru-ariko aya Amerika yaribonekeza kwagiye gukoroka mu gihe hari abavuga ko Dow Jones ishobora gukoroka gushika ku bice 4%-amanota 800-igihe urudandazwa ruzoba rugarutse i Wall Street ku musi wa gatatu.
Intsinzi ya Donald Trump yabonwa na benshi ko yohungabanya ubutunzi bwo muri Asia bitewe n'ivyo we nyene yivugira ko niyatogwa azogerageza gukingira ubutunzi bwa Amerika. Bamubona nk'"umuntu batazi" mu gihe ku mupfasoni Clinton bavuga bati"hopfuma ishetani usanzwe uzi."