Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
I California batoye itegeko ryemera kunywa urumogi
Mu matora yo muri Amerika ntibatoye abanyepolitike gusa kuko batoye no ku ngingo ziraba ubuzima bwa minsi yose.
I California, abatora bemeje itegeko rirekurira abantu kunywa ikiyovyabwenge ca marijuana, abanyamakuru bakavuga ko bishobora kugira ingaruka zikomeye ku mugambi mpuzamakungu wo kurwanya ibiyovyabwenge.
Kare, abatora muri Forida batoye amahinduka mw'ibwirizwa shingiro ry'iyo leta, ubu bikaba vyemewe gukoresha marijuana nk'umuti ku ndwara zimwe zimwe.
Ahandi naho abatora barahitamwo niba amafaranga make ashoboka y'umushahara yokwongerwa, gukurako igihano c'urupfu hamwe n'uko bokaza kugenzura inkoho n'amasasu.