Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yanse kuvuga ko niyatsindwa amatora azovyemera
Uwuserukiye umugambwe w'aba Republicains mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, yanse kwemanga niba azemera ivyavuye mu matora aramutse atsinzwe.
Mu kiganiro mpaka ca nyuma camuhuje n'uwuserukiye aba Democrate, Hillary Clinton, Donald Trump yasubiyemwo ivyo yama avuga vy'uko uburyo bwo gutora burimwo ubusuma.
Yavuze ko azobanza kurindira kugira abanze arabe ibiba.
Madamu Clinton yavuze ko ari akamaramaza kubona uwo bahiganwa avuga ibintu nk'ivyo, amwagiriza kuba ariko aratukisha demokrasi ya Amerika.
Ubuzima bwite
Muri myinshi mu minota mirongo icenda ikiganiro camaze, ivyo bahaririyeko vyari vyerekeye ubuzima bwite bwabo.
Madamu Clinton yagirije bwana Trump kuba ari igikinisho c'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladmir Putin, Trump nawe aca yagiriza madamu Clinton kuba ari we yateje akaguma mu kwiyamamaza kwiwe.