Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU yifuza gutohoza ku mabi yakozwe kuva 2015
Umugwi wa ONU ugiye mu Burundi mu kiringo c'umwaka ngutohoze umenye abari inyuma y'amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane kwo mu mwaka w'i 2015
Ivyo vyasabwe n'uwurongoye umuryango w'ibihugu vya Buraya muri kino gihe, umukuru w'igihugu ca Slovakia.
Uwo mugwi uzihweza kw'amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane kw'umwaka wi 2015 ko akwiye gushirwa mu vyaha mpuzamakungu.
Ico gihe Prezida Petero Nkurunziza yarahejeje kumenyesha kwagiye kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku kiringo kigira gatatu, bituma haduka ubwicanyi.
Uwuserukira u Burundi yiyamirije iyo ngingo asigura ko ishingiye ku binyoma.
(Icegeranyo ca ONU giheruka gusohoka kivuga ko hari imvugo ishingiye ku moko yakoreshejwe bituma haba amakenga ko hokwaduka ubwicanyi bw'ihonyabwoko hagati y'abarundi bo mu bwoko bw'abahutu ari nabo benshi be n'abo mu bwoko bw'abatutsi).