Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Jacques Chirac yinjiye ibitaro arwaye mu mahaha
Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Jacques Chirac, yinjiye ibitaro mu muji wa Paris nyuma yo gufatwa n'uburwayi bwo mu mahaha.
Ikinyamakuru co mu Bufaransa, Le Parisien, kivuga ko bwana Chirac w'imyaka mirongo umunani n'itatu, yafashwe n'uburwayi ari mu karuhuko muri Maroke, acumbitse mu kirimba c'umwami i Agadir.
Yaciye ajanwa mu Bufaransa n'indege bwite y'umuryango w'ubwami bwa Maroke.
Niwe mukuru w'igihugu w'Ubufaransa wa mbere yahamwe n'icaha, aho yagirizwa gukoresha nabi amahera ya leta mu 2011, akatirwa igipfungo c'imyaka ibiri atabwirijwe kuja mu munyororo.