Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuririnvyi Chris Brown yarezwe gukangishanya inkoho
Umuririnvyi wa R&B wo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, Chris Brown, yafashwe aregwa kugendana inkoho, igihe umugore yayirabishijeko yahamagara igipolisi.
Baylee Curran yabwiye ikinyamakuru LA Times ko bwana Chris Brown yamurabishije inkoho mu maso, igihe yariko yitegereza ishima ibitako mugenzi wa Brown yari yambaye.
Baylee Curran nawe asanzwe ari rurangiranw amu kumurika ubwiza, avga ko yari yajanywe kwa Chris Brown n'imirimo ijanye n'akazi akora.
Bwana Brown yahavuye asohoka amaze umwanya ahanganye na polisi ku rugo iwe ku munsi wa kabiri.
Umushingwamanza wiwe yahavuye amenyesha ibicishije ku rubuga rwa Tweetter ko Brown yarekuwe, anemeza ko ivyo aregwa atari vyo.
Ikigo c'itangazamakuru Associeted Press kimenyesha ko yarekuwe amaze gutanga ihadabu y'ama dorari 250,000 ( £190,000).
Chris Brown amaze kurenga amategeko kenshi agahanwa, harimwo igihe yasindira umuririnvyi bakundana Rihanna mu 2009.
Ico gihe Brown avuga ko munyuma yanashatse no kwiyahura.
Bivugwa ko igipolisi cabanje kwankirwa kwinjira kimaze gushika muhira kwa Chris Brown, kugeza uwumwunganira mu mategeko amaze kuhagera, bagasaka ahari.
Igihe yari agihanganye nabo, bwana Brown ngo yakomeza kurungika ama video kuri internet akoresheje urubuga rwa instagram, avuga ko igipolisi kimwugarije.
Mu bundi butumwa yavuze ko ashigikiye isekeza ry'imyiyerekano yo kwiyamiriza amabi igipolisi gikorera abirabure ryiswe ' Black Lives Matter', aho yavuze ati "Mwese muri umurwi mubisha wanyuma kw'isi, polisi".