Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umusi mukuru wo kurya imbwa mu Bushinwa
Umusi mukuru wa buri mwaka wo kurya imbwa watanguye mu bumanuko bw'Ubushinwa n'aho hari ababigwanya haba muri ico gihugu canke hanze yaco.
Vyitezwe ko imbwa zishika 10.000 hamwe n'inyabu ziribwa muri iyo misi mikuru imara imisi cumi ibera i Yulin.
Abaharanira agateka k'ibikoko bavuga ko iyo misi mikuru ari iyo ubugizi bwa nabi burenze urugero, mu gihe abipfuza ko iyo misi ihagarikwa bamaze gushira umukono ku rwandiko rubisaba bashika imiliyoni 11.
Ubutegetsi bw'aho iyo misi mikuru ibera, buvuga ko budashigikiwe na reta ariko ko bikorwa n'abadandaza ku giti cabo.
Mbega iyo misi mikuru yerekeye iki?
Iyo misi mikuru yo kurya inyama y'imbwa ikoranya abantu benshi mu karere ka Yulin, kugira bihitiremwo inyama y'imbwa, ivyamwa n'ivyo banywa.
Umugenzo wo kurya imbwa watanguye mu myaka 500 iheze mu Bushinwa, Korea y'epfo hamwe no mu bindi bihugu vyemera ko inyama y'imbwa igabanya ubushuhe mu mubiri mu gihe c'ici.