Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis yabonanye n'aba Islam mu Misri
Umutegetsi umwe w'idini rya Islam mu Misri yagiraniye umubonano na Papa Francis, kimwe mu bimenyetso vya vuba vyo kurushaho kugira umubano mwiza hagati y'ayo madini abiri akomeye kw'isi.
"Uwu mubonano ni bwo butumwa", ni ko Papa Francis yavuze, ariko arabonana na Sheik Amed el-Tayyip, umukuru wa kaminuza y'aba Islam ya Al-Azhar hamwe n'umusigiti.
Uwo mubonano ubaye inyuma y'imyaka itanu Al-Azhar ahagaritse ibiganiro na Vatican kubera ukutumvikana kwadutse hagati yiwe na Papa Benedict wa cumi na gatandatu.
Umwaka 2006, Papa Benedict yaratangaje aba Islam aho yasubiramwo umutegetsi umwe wa Byzantine avuga ko zimwe mu nyigisho y'umutumwa Muhammad zari iza" shetani kandi nta buntu zifise", ivyo aba Islam bamiriye kure.