Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
David Cameron yenenze Nigeria na Afghanistan kuri ruswa
David Cameron yumvikanye avuga ati : "Dufise ibihugu bimwe vyarengeje mu kubungwa na ruswa bije hano mu Bwongere .... Nigeria na Afghaniastan, birashoboka ko ari na vyo vya mbere mu kurya ibiturire kw'isi".
Umushikiranganji wa mbere w' Ubwongereza yariko avuga ku nama ijejwe kurwanya ibiturire ibera i Londres.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vyahoze bitegekwa n'Ubwongereza bihurikiye mu muryango wa Commonwealth, Baroness Scotland, yavuze ko bibabaje kumva amajambo yavuzwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza kuri Nigeria.
Baroness Scotland, avuga ko perezida wa Nigeria, Muhammadu Bahari, yatowe kuko ashira imbere kurwanya no guhindura ingeso yo kurya ruswa yari yabaye nk'umugenzo muri Nigeria.
Yavuze ko ishaka rya perezida Buhari rishaka kurandura ingeso yo kurya ibiturire, arico catumye atorwa gushikiriza ijambo mu nama y'uno munsi y'ishirahamwe Commonwealth ku kibazo co kurwanya ruswa.
Ayo majambo y'umushikiranganji wa mbere David Cameron yafashwe amajwi yasamaye, yagiye hanze imbere y'inama y'abakuru b'ibihugu azoyobora ku munsi wa kane, kuri ico kibazo ca ruswa.
Ku ruhande rwiwe, prezida Muhammadu Buhari yavuze ko reta yiwe yaguye mu gahundwe yumvise amajambo ateye ubwoba n'isoni y'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, avuga ko Nigeria na Afghanistan ari vyo bihugu vya mbere kw'isi birya igiturire.
Ivyo Buhari yabivuze umwanya muto gusa amaze kumva ivyo uwo mushikiranganji w'Ubwongereza yavuze.
Umuvugizi wa Prezida Buhari Garba Shehu, yavuze ko amajambo ya Cameron ateye isoni kandi atangaje.
Uwo mutegetsi wo muri Nigeria yavuze ko, nkeka Cameron yariko aravuga intwaro yavuye ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze ya prezida Goodluck Jonathan.
"Buhari yatowe kubera ashaka kurwanya igiturire"
"Ntiwiyibagize ko Buhari yatumiwe muri iryo koraniro ry'i Londres kubera imigambi yiwe yo guhasha igiturire. None bigenda gute ngo abe ari we arya igiturire?" Uko ni ko Shehu yavuze.