Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikibazo cy'abimukira kijyanye Angela Merkel muri Turikiya
Umukuru wa leta y'Ubudage Angela Merkel n'abategetsi bo mu muryango w'ubumwe bw'Uburayi - EU - barajya muri Turikiya kuganira ku masezerano yerekeranye n'ikibazo cy'abimukira.
Uru ruzinduko rubaye mu gihe hari abatangiye kwibaza niba amasezerano Uburayi bwagiranye na Turikiya ku kibazo cy'abimukira akurikije amategeko.
Ayo masezerano amaze ukwezi yubahirizwa ateganya ko abimukira bageze mu Bugereki batujuje ibyangombwa byo gusaba ubuhingiro bahita basubizwa muri Turikiya.
Imprimbanyi ziharanira uburenganzira bw'ikiremwamuntu ziravuga ko Turikiya atari igihugu kirimo umutekano uhagije ku buryo cyasubizwamo impunzi ziturutseyo.
Abategetsi ba Turikiya baburiye Uburayi ko ayo masezerano ashobora kuba impfabusa niba abanyaturikiya bashaka gusura Uburayi batavaniweho impushya zitwa viza (visa).