RD Congo-M23: Abadepite ba Nord Kivu basaba gufashanya na Uganda "haboneke agahengwe"

Abadepite bo mu ntara ya Kivu ya Ruguru muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo (RDC) barasaba umukuru w'igihugu kugira ico akoze ngo harangire ikibazo c'intambara hagati y'ingabo za reta n'abitwaje ibigwanisho ba M23.

Ni mu gihe intambara zasubiye kwaduka mu ntango z'iyi ndwi mu karere ka Rutshuru mu duce twa Chanzu, Runyoni, Bunagana no muri iyo micungararo.

Izo ntambara zari zatumye abantu ibuhumbi n'ibihumbi bata izabo bahungira hakurya muri Uganda bihana urubibe, ariko bivugwa ko batanguye gutahuka.

Mw'ibaruwa abadepite munani bandikiye umukuru w'igihugu Felix Thsisekedi bamusaba ko ingabo z'igihugu zofashanya n'iza Uganda kugira zigarukane umutekano mu karere kabo.

Umudepite Beatrice Nyiramugeyo ari mu bateye umukono kuri iryo kete avuga ko baryanditse kuko "twababajwe n'iriya mirwano, abaturage bashwiragira, bavuye mu byabo, barahangayitse, bapfuye […]baratesetse."

Abadepite batagikora ijwi ryabo rimaze iki?

Mu nteko y'abadepite 48 b'intara ya Kivu ya ruguru abashize umukono kuri iryo baruwa ni umunani gusa.

Nyiramugeyo asigura ko aribo babaye hafi kuko abandi bari mu misozi, abandi bari i Kinshasa mu gihe batagikora kuko bahagaritswe n'ibihe bidasanzwe vya "etat de siege" aho ubutegetsi bwose muri iyo ntara bwashizwe mu minwe y'igisirikare.

Nyiramugeyo avuga ko n'ubwo bahagaritswe bagifise uruhara mu buzima bw'igihugu.

Ati: "Tuvuye i Kinshasa n'ubundi twari twicaranye na Tshisekedi ari we ubwe waduhamagaye […] kugira tuganire iby'iterambere ry'ama territoires yacu.

"Ntabwo twigeze twakwa ubudahangarwa bw'abadepite. Ni ukuvuga ko agaciro tukigafite […] na reta ya gisirikare turakorana […] ntabwo turi ibicibwa mu gihugu."

Kwagiriza Urwanda, gusaba Uganda gufasha

Igisirikare ca Congo cagirije Urwanda ko rushigikiye M23 muri ivyo bitero. Ingabo za Congo zerekanye abagabo babiri zivuga ko ari abo mu ngabo z'Urwanda bafatiwe ku rugamba na M23.

N'abo badepite mw'ibaruwa ryabo batunga urutoke Urwanda ku ruhara mu gushigikira M23, ariko Urwanda rurahakana ivyo rwagirizwa.

Madame Nyiramugeyo avuga ko kubihakana bidahagije mu gihe amatohoza agikomeza. Asaba prezida wiwe Tshisekedi kuvugana na mugenzi we w'Urwanda kuri ico kibazo.

M23 nayo yahakanye kuba ari yo yagavye ibitero, ahubwo ivuga ko ari ingabo za reta zayiteye.

Izo mpande zibiri zagirizanya kandi ikororwa rya kajugujugu ryahitanye ku wa gatatu abasirikare umunani b'urwego mpuzamakungu rucungera amahoro muri Congo (MONUSCO).

Muri kahise ONU yagirije Urwanda na Uganda gushigikira uwo muhari.

Hagati aho abo badepite basaba ingabo za Uganda gufasha iza congo (FARDC) kugira hagaruke umutekano mu majaruguru ya Congo.

Ingabo za Congo zisanzwe ziriko zirafashanya na UPDF (ingabo za Uganda) mu gutuza inyeshamba za ADF zituruka muri Uganda zimaze imyaka zagize ikirimbiro ico gice ca Congo.

"Ni uko twabonye vyatanze umusaruro. FARDC na UPDF bishobora kudufasha kugarura umutekano, bigatanga agahenge", niko Madame Nyiramugeyo avuga.

"FARDC yararengewe, Uganda iri kuzana inkunga ikomeye."