COP26: Umuvyeyi ati "uzi ko umwana wawe ashobora gupfa, wobikora kugira umukize"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe inama ya Glasgow kw'ihindagurika ry'ibihe kuri uyu munsi wa gatanu izoba imaze indwi yayo ya mbere, abagore bo mu Bwongereza, Ubuhindi, Brezil, Afrika y'Epfo na Pologne, barashikiriza ikete intumwa ziri muri iyo nama basaba abategetsi b'isi guhagarika gushira amafaranga mu migambi mishasha yo gucukura ibitoro ku neza y'amagara y'abana.
Uwuharanira ibidukikije Bhavreen Kandari, wo mw'ishirahamwe Warrior Mums, azoba ari muri abo. Yabwiye ikiganiro Today ca BBC Radio 4 ko abana kw'isi bamerewe nabi kubera ikirere gihumanye.
Avuga ko ari co gituma abavyeyi bavuye hirya no hino kw'isi bakoranye kugira bahe "ubutumwa bukomeye cane abategetsi b'isi ko tudashobora kubandanya gutyo".
Rosamund Kissi-Debrah ari mu bavugira ishirahamwe mpuzamakungu ry'amagara kw'isi OMS. Umwana wiwe w'umukobwa Ella yabaye umuntu wa mbere mu Bwongereza ku rupapuro rwiwe rwemeza ko yapfuye vyanditswe ko icateye urupfu rwiwe ari uguhumana kw'ikirere.
Avuga ko atibaza ko ari ugusaba ibintu bikomeye guhagarika gushira amafaranga mu migambi mishasha yo gucukura ibicanwa vyo mu kuzimu "mu gihe abana bariko barapfa".
"Iyo uzi ko umwana wawe ashobora kuzopfa, hanyuma hakaba hari ico ushobora gukora kugira ukize umwana wawe, wogikora."
Abakiri bato mu mwitwarariko
Ku munsi COP26 yahariye urwaruka, ibihumbi n'ibihumbi vy'abakiri bato bari mu myiyerekano i Glasgow, ikibazo co kugira umwitwarariko uturutse ku bidukikije kiba kiri mu bikomeye cane.

Ahavuye isanamu, EPA
Alison Anderson, umwigisha w'imibereho (sociologie) muri kaminuza ya Plymouth, avuga ko ubushakashatsi bwerekanye ko hari urugero runini rw'umwitwarariko uturutse ku bidugukikije (eco-anxiety).
Babiri kuri batatu mu bakiri bato bafise hagati y'imyaka 16 na 25 bumva batewe impungenge cane canke batewe impungenge birengeje n'ihindagurika ry'ibihe, nk'uko Anderson yabwiye BBC Radio Scotland.
Avuga ko "Benshi muri bo bumva umenga hari ico biyagiriza, ataco bashoboye, bafise ubwoba bwo kuvyara abana".
"Biragaragara ko bigira ingaruka ku magara yabo yo mu mutwe, ariko kuja hamwe n'urundi rwaruka bibafasha kubona ko hakenewe igikorwa vyihuta kandi bikabaha ingoga".
Adelaide Charlier w'imyaka 20 yafashije gushiraho umuhari w'urwaruka rw'Ububirigi ku bihe, avuga ko uko yagiye aramenya vyinshi kw'ihindagurika ry'ibihe, niko yagiye aramenya ko ari "inkuru ibabaje" kandi "igoye cane kwemera".
Greta Thunberg ni nde?
Ari mu baja gufata ijambo muri Cop26.
Ariko uwo muyabaga wo muri Suede ni nde?
Yatanguye agira imyiyerekano ya wenyene imbere y'inama nshingamateka ya Suede igihe yari agifise imyaka 15 gusa.
Mu nyuma acika umwe mu bantu bazwi cane kw'isi bagwanira ibidukikije.
Mu gutangura yagize ico yise " School Strike for Climate" [yegereyegere canke greve y'ishure yo guharanira ibihe] mu 2018, kuva ico gihe ikinyamakuru Time Magazine kikaba camugize umuntu waco w'umwaka mu 2019, aca akomeza kuba ishusho y'isi y'uguharanira ibidukikije.
Ashaka ko abafise ubutegetsi kw'isi bagira ico bakoze kandi vyihuta mu guhangana n'imyuka ihumanya ikirere.
Ariko Thunberg n'umwe mu bihumbi n'ibihumbi vy'abakiri bato bagwanira ibidukikije hirya no hino kw'isi. Abakiri bato kuva mu Buhindi ugaca muri Kenya ugashika muri US baguma basaba ko harushiriza kugira igikozwe ku bibazo birimwo ihindagurika ry'ibihe, guhonya amashamba no gukoresha ubumwanya (plastic).

Ahavuye isanamu, Getty Images
Thumberg yatanguje umuhari usigaye uzwi nka 'Fridays for Future' (iya gatanu ya kazoza) watumye hirya n'ino kw'isi haba yegereyegere ku mashure kugira abantu barushirizeho kwumva ikibazo c'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.
Yegereyegere za vuba zabaye mu kwezi guheze mu bibanza birenga 1500 kw'isi, zihereye ku bantu bakeya muri Philippine na Bangladesh, hanyuma zikwira ibisagara vya Buraya harimwo Varsovie (Warsaw), Turin na Berlin.
Muri rimwe mu majambo akomeye cane yashikirije mu nama ya ONU ku bihe i New York mu 2019, yabwiye abategetsi b'isi ati:
''Mwarishe indoto (Ivyifuzo) zanje hamwe n'ubuto bwanje kubera ivyo muvuga biherera mu majambo gusa".










