COP26: Biden aranegura cane abakuru b'ibihugu vya China na Russia kubera batitavye inama

Joe Biden muri COP26

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Joe Biden avuga ko kubona Xi Jinping atitavye ikoraniro rya COP26 i Glasgow ari "ikosa rikomeye"

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika aranegura abakuru b'ibihugu vy'Ubushinwa n'Uburusiya kubona batitavye inama mpuzamakungu COP26 yiga ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere.

Mw'ijambo yaraye ashikirije mw'ijoro ryo ku wa kabiri, Perezida Biden avuga ko ikibazo c'ikirere ari "ikibazo gikomeye cane", ariko ko Ubushinwa "bwiyonjoroye" - yongerako kandi ko "ari co kimwe n'Uburusiya hamwe na Putin".

Yaba Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya canke Xi Jinping w'Ubushinwa, nta n'umwe ari muri iyi nama mpuzamakungu yo mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse (Scotland).

Hagati aho, ibi bihugu vyompi vyararungitse intumwa muri bino biganiro vyitezwe kumara indwi zibiri gushika ku wa 12 z'uku kwa cumi na rimwe.

Ubushinwa ni co gihugu ca mbere kw'isi gisohora ivyuka vya gaz carbonique (carbon dioxide) bihumanya ikirere, bugakurikirwa na Amerika. Uburusiya buza ku mwanya wa gatanu inyuma y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya n'Ubuhindi.

Abategetsi b'ibihugu barenga 120 bari muri iyi nama.

Hari ibihugu bimaze gutangaza imigambi mikuru mikuru ijanye no kurwanya ihindagurika ry'ikirere, harimwo kugabanya urugero rw'imyuka ya methane kw'isi gushika mu 2030, hamwe no guhagarika guhonya amashamba imbere y'uwo mwaka nyene.

Ubushinwa n'Uburusiya vyompi vyarateye igikumu ku masezerano yo gukingira amashamba cimeza.

Imbere y'uko Perezida Biden ashikiriza ijambo ryiwe, Perezida Putin yarashikirije ijambo yifashishije ubuhinga bwa videwo mu nama yariko yiga ivyo gukingira amashamba cimeza muri iryo koraniro rya COP26 ejo ku wa kabiri, aho yavuze ko Uburusiya bwafashe "ingingo ruhasha mu ntumbero yo kubungabunga" amashamba cimeza, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Kremlin.

Perezida Biden yashikirije aya majambo igihe yari abajijwe uruhara ibindi bihugu - harimwo Ubushinwa, Uburusiya na Arabie Saoudite - bimaze kugira gushika ubu muri ibi biganiro.

Ati: "Ni vyo ko Ubushinwa buriko bugerageza kwiha ikibanza gishasha, kandi ni ibintu vyumvikana, kw'isi nk'igihugu c'igihangange - ariko kubona butitavye, oya n'ukuri", yongerako ko kubona Xi Jinping atitavye ari "ikosa rikomeye".

Yavuze nk'uko nyene kuri Perezida Putin, aho yavuze ko amashamba y'Uburusiya ariko arasha ariko umukuru wabwo "akaguma anumye" kuri iki kibazo.

Igihe batangaza iyi ngingo mu kw'icumi, umuvugizi wa Putin Dmitry Peskov nta nsiguro yatanze zari gutuma uyu mukuru w'igihugu atitaba ibiganiro, n'aho yavuze ko ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere ari ikibazo "nkoramutima" ku Burusiya.

Muri uko kwezi nyene, abategetsi baragabishije umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson ko umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping ata mugambi yari afise wo kwitaba iri koraniro. Bivugwa ko Perezida Xi atarigera ava mu gihugu kuva mu ntango za 2020.

Mu kwezi kw'icenda, Perezida Xi yatangaje ko gushika mu mwaka wa 2060 Ubushinwa bwihaye intego yo kuzoba bwashize ku rugero rumwe imyuka ihumanya ikirere n'ivyo bukora ngo bugisukure. Ico gihe, yanavuze ko imbere y'umwaka wa 2030 imyuka ihumanya ikirere Ubushinwa busohora izoba yageze ku rugero rwo hejuru rushoboka, hanyuma rugatangura kugabanuka.

Mw'ijambo yashikirije mu nama mpuzamakungu yerekeye amasoko ntanganguvu ku wa 13 z'ukw'icumi, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya nabwo nyene bugiye kwita ku rutare kugira ngo gushika mu 2060 buzobe ata vyuka bihumanya buzoba bugisohora.

Intego y'isi yo kugera kuri 0% mu gusohora imyuka ihumanya ikirere (Net Zero), bisigura ko ata gusubira gusohora ibindi vyuka bibi bija guhumanya ikirere.