Burundi-Rwanda: Nta "mugwi w'inkozi z'ikibi wavuye mu Burundi uja mu Rwanda"

Igisirikare c'u Rwanda kivuga ko ico gitero c'abarwanyi ba FLN cabaye mw'ijoro ryo ku wa mungu mu gace ka Bweyeye mu karere ka Rusizi baturutse mw'ishamba ku ruhande rw'Uburundi muri komine Mabayi.

Mw'itangazo rwasohoye kuri uyu wa kabiri, urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi "rurabeshuje ko hoba hari umugwi w'inkozi z'ikibi wavuye mu Burundi ukaja mu Rwanda".

Itangazo ry'igisirikare c'Urwanda rivuga ko abarwanyi babiri mu bateye bishwe n'ibikoresho vya gisirikare birimwo imyambaro ibiri y'igirikare c'Uburundi bigafatwa.

Igisirikare c'u Rwanda kivuga ko abateye basubijwe inyuma bakajabuka uruzi rwa Ruhwa rutandukanya Mabayi mu Burundi na Bweyeye mu Rwanda, "basubira mw'ishamba rya Kibira aho bafise ibirindiro."

N'ivyo nyene urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi ruvuga ko "rubeshuje icese ayo makuru avuga ko ku butaka bw'Uburundi hoba hari umugwi w'inkozi z'ikibi zifise umugambi mubi ku gihugu c'Urwanda".

Iryo tangazo ryateweko umukono na Colonel Floribert Biyereke avugira urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi rirangiza rivuga ko ingabo z'Uburundi ''ziri ku rubibe Uburundi busangiye n'Urwanda zama ziriko zirakizura kugira zicungere neza umutekano aho ku rubibe".

Uruhande rw'Uburundi ruvuga ko amakuru avuga ico gitero rwayabonye ku mbuga ngurukanabumenyi canke hwaniro (social media).

Ntibiramenyekana niba impande zompi ku rwego rwa gisirikakare canke rw'imigenderanire hari ico ziravugana ku vyerekeye ico gitero.

Si ubwa mbere Urwanda ruvuga ko hari abarwanyi ba Forces de Libération Nationale (FLN) batera ico gihugu baturutse mu Burundi.

Ariko hari haheze amezi menshi ata gitero gishasha kivuzwe.

Ahubwo ibihugu vyompi vyari bigize igihe bitera intambwe zo kunagura imigenderanire yavyo yahungabanye kuva mu 2015.

Aho ni mu gihe Uburundi nabwo hari ivyo bwagiriza Urwanda harimwo guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015.