Uganda: Hemejwe integuro y'itegeko ku caha co gutanga ishikanwa ry'umuntu

Inama nshingamateka ya Uganda yemeje integuro y'itegeko rivuga ko gutanga ishikanwa (ikimazi) ry'umuntu ari icaha.

Gushika ubu amategeko y'igihugu ntiyategekanya ko gutanga ishikanwa ry'umuntu ari icaha, ico caha kikaba mu rubanza cafatwa nk'icaha co kugandagura canke c'ubundi bugizi bwa nabi.

Muri iyo nteguro, hategekanywa igihano co gupfungwa ubuzima bwose ku muntu wese azokwagirwa n'icaha co gutanga ishikanwa ry'umuntu canke azofasha kugira ivyo bikorwe.

Inavuga kandi ko ari icaha gutunga ibice vy'umubiri w'umuntu, kubikoresha mu vy'ubuvuzi mu kubigurisha canke kubikoresha ubwawe.

Umuntu akwiragiza ivyo kwemera ibijanye n'ishikanwa ry'umuntu ku nyungu z'amafaranga, agahimiriza uwariwe wese gukoresha umubiri w'umuntu mu migirwa iyariyo yose, nawe yagiriwe n'icaha azohanishwa gupfungwa ubuzima bwose.

Ibiharuro ku gitigiri c'abantu bahitanwa no gutangwako ishikanwa muri Uganda ntivyoroshe kumenya ku ruhande rumwe bivanye n'uko kenshi bitavugwa canke kuko imanza zavyo zidakurikiranwa.

Hisunzwe amatohoza yakozwe mu 2014 n'urwego rwa Uganda rujejwe agateka ka zina muntu ku bana batangwako ishikanwa mu gihugu, abana na cane cane bafise munsi y'imyaka itandatu nibo bageramirwa cane n'ubwicanyi bushingiye ku migirwa.

Ivyo ngo ni kubera yuko abana bangana gutyo bashobora gutwarwa ata kunana cane canke ata kunana na gato.

Muri iyo nteguro, hategekanywa ko umuntu azocika kw'icumu ryo gutangwako ishikanwa canke guhakwa gutangwako ishikanwa azokwitabwaho mu buryo bwo kumafasha guhangana n'ingaruka vyomutera mu mibereho yongere ahabwe indishi.

Iyo nteguro izoba itegeko ari uko umukuru w'igihugu ayiteyeko umukono.