Kenya: Bimwe mu vyaranze Dr Stephen Karanja yarwanya incanco za Covid ikaza kumwica

Inama nkuru y'Abepiskopi Katorika muri Kenya yaritandukanije na Muganga Stephen Karanja yari akomeye muri Ekleziya, inyuma y'aho batumvukaniye ku bijanye n'incanco za Covid-19.

Muganga Karanja aherutse kwicwa na Covid-19 haciye indwi zitari nke yiyamiriza urucanco rw'iyi ndwara, aho yavuga ko "rutari rukenewe na gato".

Uyu muganga yari arongoye ishirahamwe ry'Abaganga b'Abagatorika muri Kenya (Kenya Catholic Doctors Association) yahimiriza abantu kwiyuka hamwe n'ibinini hydroxychloroquine.

Abajejwe amagara y'abantu hamwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS bariyamiriza ivyo yavuga.

Mu kwa gatatu, OMS yavuze iti: "Urucanco ruriko ruratangwa muri Kenya, rwarihwejwe neza kandi hampande ya OMS, n'izindi nzego zijejwe amahaga y'abantu barabonye neza ko ata ngorane rufise".

Ntiyahuriza hamwe na Ekleziya Katorika ku bijanye n'umutekano w'incanco za Covid-19.

Inama nkuru y'Abepiskopi Katorika muri Kenya yariyamirije ivyavugwa na Muganga Karanja ku bijanye n'izi ncanco, aho yoyo yemeza ko "zemewe kandi zikurikije ibisabwa".

Kenya yahawe doze zirenga umuriyoni z'incanco za Covid-19 muri wa mugambi mpuzamakungu wa Covax, igice kinini cazo kikaba kimaze gutangwa.

None Muganga Karanja yavuga iki ku bijanye n'urucanco rwa Covid?

Mw'ikete yanditse ku wa 03 z'ukwa gatatu uno mwaka wa 2021, Muganga Karanja yavuze ko "hari imiti yahawe iyindi ntumbero maze ikoreshwa mu kuvura Covid-19", yongera ko ati "turazi kandi ko incanco kuri iyi ndwara zidakenewe".

Yaritabiriye amakoraniro atandukanye aho yagenda yerekana ko hari ubundi buryo bwo kuyivura, harimwo ukwiyuka n'iyindi miti myinshi harimwo hydroxychloroquine na Ivermectin, imiti itaremezwa na OMS ko ishobora kuvura Covid-19.

Muganga Karanja, umuhinga mu bibazo vyerekeye kwibaruka n'ibindi bibazo bishingiye ku bihimba vy'irondoka vy'abakenyezi (obstétricien/gynécologue), yapfuye ku wa kane inyuma y'indwi yari amaze mu bitaro aho yariko aravurirwa Covid-19.

Ni iki kindi Dr Karanja yavuze?

Imbere y'uko atandukana na Ekleziya Katorika ku bijanye n'umutekano w'urucanco rwa covid-1, Muganga Karanja yagiye yifatanya n'abarongoye amadini mu kurwanya incanco zitandukanye.

Mu 2019 yafashe iya mbere mu kwiyamiriza umugambi wo gucandaga abakobwa bari mu mashure mu ntumbero yo kubakingira kanseri yo mu gitereko, akavuga ko urucanco rw'umugera Human Papilloma Virus (HPV) rutari rukenewe kandi ko rwari kugira ingaruka mbi "kuri abo bari bafise imibereho itabereye mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina".

Mu 2014, ishirahamwe ryiwe ryararwanije umugambi wa reta wo gucandaga abagore mu kubakingira tetanos, avuga ko wari umugambi wo kubagira ingumba, n'aho abajejwe amagara y'abantu mu gihugu, OMS hamwe n'ishirahamwe ryitaho ibibondo kw'isi, Unicef, basiguye ko urwo rucanco ata ngorane rwari rufise.

Muri ivyo bihe vyose, reta yaribandanirije n'integuro zayo, ariko abategetsi bavuze ko bahuye n'inzitizi zivuye ku makenga abanyagihugu bagize bisunze inyigisho za Muganga Karanja.

Yari kandi umuntu yafata iya mbere mu kurwanya ugukorora inda, aho mu 2018 yarengutse nk'umuhinga muri sentare mu rubanza rw'aho reta yaburanywa ku ngingo yo gufuta amabwirizwa ajanye no gukoroza inda. Sentare yemeje ko ingingo ya reta yari iteye kubiri n'amategeko.

N'aho ryiyamirijwe n'abatari bake mu bahinga mu vyo ubuvuzi, ishirahamwe ryiwe yyaremewe na Ekleziya Katorika, ariko kenshi yama yihutira kumenyesha ko Muganga Karanja atavuga kw'izina rya Ekleziya Katorika.

Patiri Ferdinand Lugonzo, umuvugizi w'Inama y'Abepiskopi Katorika muri Kenya, yabwiye BBC ati: "Igikorwa ca Ekleziya gishingiye ku nyifato n'ukwemera. Igikorwa c'abaganga naco gishingiye ku kungene batahura ibintu bafatiye ku buhinga bwabo. Ntabwo dutandukanye".