'Naraciriwe urubanza' kubera kwubakana n'umugabo agendana ubumuga

Ahavuye isanamu, Susan Njogu Eling
Umugore w'umunya-Kenya yarongowe n'umye-Australia agendana ubumuga yabwiye BBC ingene abantu bamuciriye urubanza ko ''agiye kwimba inzahabu'' amafoto y'ubugeni bwabo amaze kuja ahabona ku mbuga hwaniro.
Susan Njogu Eling yavuze ko abantu baneguye urwo yakunze Phillip Eling batazi ko n'imbere y'aho yamye akorana n'abantu bagendana ubumuga.
Yimukiye muri Australia aca urupapuro rw'umutsindo mu vyigwa vyo gukorana n'abagendana ubumuga mu nyuma asaba akazi aho Eling yari asanzwe akora.
Eling yahavuye amubaza kuri email ko bobonanira hanze amaze kurangiza ikibazo c'akazi mu nyuma bahana uburyo bw'ingene boja baravugana, bararuha barahurira ahantu kw'isango ryabo rya mbere.
Avuga ati: ''Twebwe urukundo rwacu rwatanguye tukibonana ubwa mbere.Uko ameze nta na kimwe canteye ikibazo, na cane cane ko nari nsanzwe menyeranye n'abagendana ubumuga igihe nariko ndiga."
Baciye bahana uruvugano haheze amezi atandatu babonanye. Abavyeyi b'umukobwa baremeye ko ubukwe buba.
Avuga ari : "Barampaye imihezagiro yabo buno nyene. Baremeye ingingo twari twafashe, na cane came ko bari bazi ingene nari nsanzwe nitaho cane gufasha abagendana ubumuga. Naravyishimiye cane."

Ahavuye isanamu, Susan Eling
Bagize ubukwe mu kibanza gisharijwe n'amabara atukura muri Adelaide hanyuma amafoto yabo arahererkanywa cane ku mbuga hwaniro, atuma abantu bavuga ibintu bitandukanye.
Avuga ati : "Abantu bavuze ko nabigize kuko nashaka kumukurako amafaranga, ariko nasa n'uwuvyiteze ko bigenda gutyo. Jewe nari meza neza ndavyiteguriye. Naremeshwa no kumenya ko ubumwe bwacu bwari bwatiwe n'Imana."
Mu gihe bahimbaza isabukuru igira gatatu y'ubugeni bwabo, Madame Eling avuga ko gushika ubu urugo rwabo ari akaroruhore.
''Phillip aranyitaho nk'uko uwundi mucance wese yobigira, hanyuma nanje nkamwitaho. Abantu baguma bibaza ko ari jewe ndamwitaho gusa."
Eling yavukanye distrophie musculaire-indwara ituma umuntu aguma atakaza inguvu z'imitsi.










