CAR: Ange-Faustin Touadéra asanzwe ayoboye ico gihugu yatsinze amatora

Umukuru wa Centrafrique Ange-Faustin Touadera

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Touadera yaranse kwumva akamo k'abo batavuga rumwe basaba ko amatora yosiba

Umukuru wa Centrafrique, Ange-Faustin Touadéra, yatahukanye intsinzi mu matora inyuma yo kuronka amajwi ashika hafi 54 kw'ijana.

Umugwi ujejwe amatora wavuze ko ayo majwi atumye ikiringo ca kabiri co gutora kidakenerwa.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Anicet George Dologuélé ,yaje mu kibanza ca kabiri kure cane y'uwa mbere, ku majwi 21 kw'ijana ,mu gihe Martin Zigele yaje ubugira gatatu ku majwi 7 kw'ijana.

Abitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu bose hamwe bari 16-harimwo abagore batatu.

Abatavuga rumwe n'ubutegets bavuze ko ayo matora yaranzwe n'utunenge twinshi.

Ayo matora yabaye hari igitero c'urunani rw'imigwi yitwaje ibigwanisho yatumye abantu ibihumbi n'ibihumbi badashobora gutora.

Reta yagirije uwahoze ari umukuru w'igihugu, François Bozizé, atamerewe kwitoza muri ayo matora, kuba yagerageje gutembagaza ubutegetsi.

Arahakana ivyo yagirizwa ariko akemera ko ashigikiye abo bitwaje ibigwanisho.

Abashikirizamanza baratanguje amatohoza, bakaba bagiriza Bozizé ibikorwa vyo guhungabanya igihugu no kugarariza.