Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibisigarira vy'umuhungu muri Pakistani vyatowe muruhongore kama rurimwo intare
Ibisigarira vy'umuhungu vyatowe mu ruhongore kama rurimwo intare i Lahore, inyuma y'umusi umwe gusa abuzwe irengero.
Abayobozi bamenyesha ko bariko barakora amatohoza ajanye n'ukungene Muhammad Bilal w'imyaka 17, yarenganye uruzitiro rw'urwo ruhongore kama hamwe n'icatumye yitaba Imana.
Ariko abantu baho bidoze bavuga ko yapfuye kubera abakozi b'ico kigo badashoboye akazi bajejwe, mu ntango z'iyi ndwi ibiri mu biro vy'urwo ruhongore kama vyaribwe.
Ico kigo kiri mu minwe ya Leta bita Lahore Safari cashizweho mu 1982, kikaba arico kigo kinini co muri Pakistani, kirimwo ibikoko.
Chaudhry Shafqat, umuyobozi w'urwo ruhongore kama yabariye BBC ko abantu bari hafi yarwo bagendeye ico kigo ku munsi wa kabiri mw'ijoro basaba y'uko babafasha kugira barondere uyo muhungu.
Shafqat yavuze ati: ''Twababariye ko bwije cane kandi ko vyari bigoye kurondera uyo muntu mu mwijima''.
Igihe bariko baramurondera ku musi wa gatatu mu gitondo, abakozi bo muri urwo ruhongore kama babonye igikankara kiriko amaraso, amagufa amwe amwe hamwe n'ibisigarira vy'impuzu ababanyi babonye ko zari iz'uyo mwana yari yatakaye.
Abayobozi babariye ababanyi ko uyo muhungu yavuye muhira ku musi wa kabiri inyuma ya sasita aje guca ubwatsi bwo kugaburira ibitungwa.
Ibisigarira vya Bilal vyarungitswe kwihwezwa kugira hamenyekanye icatumye yitaba Imana.