Burundi: Mu minsi itatu CVR yatoye abantu 1350 batawe mu binogo ku Ruvubu muri Karusi mu bwicanyi bwa 1972

Umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira mu Burundi, CVR, uvuga ko mu minsi itatu umaze kuzura ibisigarira vy'abantu 1350 bahambwe mu binono indwi mu 1972 ku mutumba wa Bukirasazi ya komine Shombo.

Kuva ku munsi wa mbere w'iyi ndwi, abagize umurwi CVR bariko begeranya ibisigarira vy'abantu batawe mu binogo rusangi kuru uwo mutumba w'intara ya Karusi, mu bwicanyi bwo mu 1972.

Avugana na BBC ari kuri uwo mutumba uri ku ruzi Ruvubu, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uyo murwi avuga ko kuri uwo mutumba wonyene bashobora kuhazura ibisigarira vy'abantu barenga 7000.

Mu cegeranyo uyo murwi uherutse gushikiriza inama nkenguzamateka na nshingamateka, Bwana Ndayicariye yamenyesheje ko wari umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 mu gihugu cose vyahambwemwo abantu bishwe mu magume atandukanye mu Burundi.

Kuva u Burundi bwikukira mu 1962, bwaranzwemwo ubwicanyi bwa politike ishingiye ku moko, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi, aho ubuzwi cane ko bwahekuye igihugu gusumba ari ubwo mu 1972, bwahitanye Abahutu.

Bwana Ndayicariye avuga ko ibitigiri bafise bizorenga kure n'iyo kuko ku munsi ku munsi baronka ivyabona, ko abacitse kw'icumu baguma babereka ahari ibindi binogo vyahambwemwo abishwe mu 1972.

Yabwiye BBC ko ubu bamaze gukorera ku binogo indwi bafuruye muri ako gace nyene, ariko ko hari n'ibindi 18 beretswe bategerezwa gukorerako ariko batarafurura, bivugwa ko harimwo n'ivyahambwemwo abihebeye Imana.

Ati: "Aha ku Ruvubu ivyabona biguma biza kutubwira ivyo babonye, abari bakiri bato, abapfakazi, abana babuze abavyeyi n'abavukanyi babo. Abo bose baguma batwegera bakaduha amakuru ku vyo babonye muri ubwo bwicanyi".

Nayo ku bivugwa ko hoba hari abatishimiye ibi bikorwa vy'umurwi CVR, Bwana Ndayicariye avuga ko Abarundi bari mu mice myinshi, bivanye n'uko vyabakozeko canke abandi nabo bakabigiramwo uruhara.

At: "Hari abakomeretse hari n'ababuze. Abo babonye amagufa, bagira ibibazo, bakababara, ariko kandi bakavuga bati Imana ishimwe, iri gufa riranyeretse ko uwanje aryamye ng'aha".

Avuga ko umurwi wa kabiri ugizwe n'abakoze ibibi, bamwe bakaba barapfuye ariko kandi abandi bakaba bakiriho.

Ati: "Abo kenshi na kenshi ntituramenya ingene babifata, ariko ibi turiko turakora bifise intumbero y'ugukiza abababaye kubera babuze, be n'abakoze ibibi kugira babone ko barenze kw'ibwirizwa ribuza kwica".

Ibinogo rusangi biri mu gihugu cose

Bwana Ndayicariye avuga ko mu makomine yose agize u Burundi harimwo ibinogo vyahambwemwo abagandaguwe mu bwicanyi butandukanye bwagiye buba mu Burundi.

Ati: "Icegeranyo kw'ikomine imwe imwe kiriho cerekeye ibinogo bimaze kumenyekana kandi twiteze ko kizoduga kubera abarundi bamwe bataratanga inkuru bazi, bagitinya kuvuga".

Avuga ko ivyo bagenda bakora bakavyereka Abarundi, baba abari mu gihugu canke bari mu makungu, bituma buguruka, bagatinyuka, maze bakemera bakabaha amakuru y'ahoba hari ibinogo rusangi nk'ivyo.

Umukuru w'umurwi CVR asaba Abarundi bo mu mice yose gutahura ko amabi yabaye mu myaka iheze yahekuye u Burundi, bugatakaza inguvu zari kubuuteza imbere.

Abwira Abarundi ati: "Turondere ukuri gufasha Abarundi bose gukira no kudasubira kuba abicanyi, turwanire ubuzima bw'Abarundi ntidusubire kurwana twica benewacu dusangira akabisi n'agahiye, kwica bibe umuziro ku Barundi bose".