Irak: Abashingamateka basaba ingabo za America kuva mu gihugu, Amerika irarahira ikarengwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashingamateka bo muri Iraki bemeje integuro y'itegeko risaba abasirikare mvamakungu kuva muri ico gihugu, inyuma y'aho Amerika yiciye Jenerali Qasem Soleimani mu gitero ca drone mu ndwi iheze ku kibuga c'indege i Baghdad.
Abasirikare barenga 5000 ba Amerika bari muri Iraki, aho bagiye gufasha ico gihugu kurwanya umurwi wa ki isilamu, Etat Islamique.
Amerika yoyo ivuga ko ari nka hamwe vyoba ngombwa ko bava muri ico gihugu ku nguvu, izoca igifatira ibihano bikomeye.
Iyo nteguro yemejwe inyuma y'ijambo umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Adel Abdul Mahdi, yashikirije inama nshingamateka, aho yasavye ko abasirikare bose mvamakungu bava mu gihugu.
Iyo nteguro isaba leta guhagarika intererano yasavye amakungu ngo ayifashe kurwanya umuhari Etat Islamique.
Ivuga ko "leta ya Iraki itegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira yirukane abasirikare mvamakugungu bose, no kubabuza gukoresha ubutaka, ikirere n'amazi vy'ico gihugu ku mvo izo ari zo zose".
Ihamagarira kandi leta kwitwarira Leta Zunze Ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU "kw'ivogerwa ry'ubusugire bwa Iraki".
Imbere y'uko abo bashingamateka bemeza iyo nteguro, umushikiranganji wa mbere wa Iraki yamenyesheje ko igisirikare ca Amerika gitegerezwa kuva mu gihugu vuba bwango kugira ngo itunganye gushasha ibijanye "n'imigenderanire na Amerika n'ibindi bihugu".
Amerika igabisha Iraki ko izofatirwa ibihano
Inyuma y'aho inama nshingamateka ya Iraki yemereje iyo nteguro, Perezida Donald Trump wa Amerika yaciye agabisha ko azofatira ico gihugu "ibihano bikomeye", mu gihe abasirikare ba Amerika bova mu gihugu ku gahato.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ati: "Ni mba badusaba kuva muri ico gihugu, bitabaye mu bwumvikane, tuzobafatira ibihano batari bwigere babona".
Ku bwa Bwana Trump, kuba abasirikare ba Amerika bari muri Iraki vyabatwaye amamiliyaridi menshi ku buryo batovayo ku nguvu.
Ati: "Ntiturota tuvayo bataturishe".
Perezida Trump abandanya kandi agabisha Irani ko "izobona ayo imbwa yaboneye ku mugezi" ari nka hamwe hogira ibitero ikora ku birindiro vya Amerika mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati mu guhora urupfu rwa Qassem Soleimani yishwe na Amerika.
Urupfu rwa Qassem Soleimani rwatumye imigenderanire hagati ya Irani na Amerika iba mibi gusumba, inyuma y'aho Perezida Donald Trump yivumburiye mu masezerano ya Irani n'ibihugu vya rutura ku bijanye n'umugambi w'ico gihugu wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.










