Trump avuga ko Amerika izosibanganya ibibanza 52 vya Irani ico gihugu nicagaba ibitero

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Trump agabisha Irani kudahirahira ngo itere ibibanza Amerika ifisemwo inyungu

Prezida Trump yagabishije ko Amerika "izogema" ibibanza 52 vya Irani, ibitere "vuba cane kandi bimwe bikomeye" mu gihe Irani yotera ibibanza Amerika ifisemwo inyungu.

Ibi vyashikirijwe na Trump bikurikiye igandagurwa rya Qasem Soleimani, umu jenerali wa Irani wo ku rwego rwo hejuru yishwe n'indege za Amerika.

Iyicwa rya Soleimani ryatumye ibintu vyunyuka cane hagati y'ibihugu vyombi, kandi Irani yararahiye ko "izokwihora bimwe bikomeye".

Yandika ku rubuga hwaniro Twitter, Bwana Trump yagirije Irani kuba "iriko iravuga ata gutinya ivyo gutera ibibanza Amerika ifisemwo inyunungu".

Yavuze ko Amerika imaze gutondekanya ibibanza vya Irani 52, bimwe bikaba "ari ngirakamaro cane kuri Irani hamwe n'umuco wayo", anagabisha ko "BIZOTERWA VUBA CANE KANDI BIMWE BIKOMEYE" Irani niyagaba ibitero kuri Amerika.

Uwo mukuru w'igihugu yavuze ko ivyo bibanza bisigura Abanyamerika 52 bagizwe imbohe na Irani ikiringo c'umwaka kuva mu 1979, bakuwe mu biro biserukiye Amerika i Tehran.

Haciye umwanya muto ubwo butumwa bwa Trump bushizwe kuri Twitter, urubuga rw'ikigo ca leta ya Amerika vyaseye n'uko rwigaruriwe n'umugwi w'abasuma bo kuri internet wiyise "Iran Cyber Security Group Hackers".

Ubutumwa bwashizwe ku rubuga rw'ikiga American Federal Depository Library Programme bwagira buti: "Ubu ni ubutumwa butanzwe na Republika ya ki Islamu ya Irani."

"Ntituzohagarika gushigikira abagenzi bacu mu karere: abanyagihugu bakandamijwe muri Palestine, abakandamijwe muri Yemen, abanyagihugu na leta ya Siriya, abanyagihugu na leta ya Irake, abakandamijwe i Bahrain, abarwanyi nyakuri ba Mujahideen muri Libani na Palestine, bazokwama bafashwe mu mugongo na twebwe."

Urwo rubuga rwariko isanamu ihindaguye ya Prezida Trump, imwerekana ariko arakubitwa mu maso kandi avirirana mu kanwa. Inyandiko yagira iti "Iki ni ikintu gitoyi cane co kwerekana ubushobozi bwa Irani kuri internet!".