Ibihugu vya Uganda n’u Rwanda vyoba bigomba bikemure ibibazo hagati yavyo?

Ambasaderi Adonia Ayebare yakiriwe na Perezida Paul Kagame mu biro iwe, Ururwiro Village

Ahavuye isanamu, @UrugwiroVillage

Insiguro y'isanamu, Ambasaderi Adonia Ayebare yakiriwe na Perezida Paul Kagame mu biro iwe, Ururwiro Village

Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'u Rwanda bimenyesha ko Perezida Paul Kagame yaraye yakiriye intumwa yari imuzaniye ubutumwa bwa mugenziwe wa Uganda, Yoweli Museveni.

Ambasaderi Adonia Ayebare yakiriwe na Perezida Kagame mu biro iwe, Ururwiro Village, ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu azanye ubutumwa bwa Perezida Museveni bwerekeye imigenderanire hagati y'ivyo bihugu vyompi.

Umubaho hagati ya Uganda n'u Rwanda ntiwifashe neza, leta y'u Rwanda yagiriza iya Uganda ko ifasha imirwi y'inyeshamba ishaka gutembagaza ubutegetsi bwa Paul Kagame.

Leta y'u Rwanda kandi yagiriza Uganda ihohotera Abanyarwanda bagiye gutembera canke baba muri ico gihugu.

Ubutegetsi bwa Uganda nabwo bwagiriza u Rwanda ko rukora ibikorwa vy'igendereza ku butaka bwa Uganda.

Umubano mubi w'ibihugu vyompi waragize ingaruka zikomeye ku mibereho, imigenderanire, ubukungu eka n'abanyagihugu bamwe basize ubuzima ku mvo zishingiye kuri iki kibazo.

Nk'uko vyatangajwe ku rubuga rwa Twitter rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Perezida Kagame yarabonaye n'iyo ntumwa idasanzwe ya Perezida Museveni, kandi ko baganiriye neza muri urwo rugendo rwiwe yagize i Kigali.

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Eka na Ambasaderi Ayebare yarishimiye urwo rugendo, aho avuga ko yashikanye ubutumwa bwa Perezida Museveni.

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Ibintu vyifashe gute?

Imigenderanire hagati y'u Rwanda na Uganda yagiye kuba nabi gusumba kuva mu mpera z'ukwezi kwa kabiri uno mwaka, aho u Rwanda rufatiye ingingo yo kwugara umupaka wa Gatuna hagati y'ivyo bihugu bibiri, rukabuza amakamyo guca kuri uwo mupaka kubera ibikorwa vy'urwubako.

Ivyo vyatumye urudandaza hagati y'ivyo bihugu vyompi rutifata neza, maze ibiciro vy'ibidandazwa biva muri Uganda bija ku masoko yo mu Rwanda biba umurengera.

Mu gihe abantu bibaza ingorane yari ihari, Perezida Paul Kagame yamenyesheje ko intandaro y'ukutumvikana hagati y'igihugu ciwe na Uganda ari uko Uganda yari imaze igihe kitari gito ishaka guhungabanya umutekano w'u Rwanda.

Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu, Perezida Kagame yamenyesheje ko ibintu vyagiye kuba nabi muri ino myaka ya vuba kubera Uganda yashigikiye umuhari RNC utavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe.

Uyo muhari wagirizwa ko ukoreshwa na leta ya Uganda mu guhohotera abanyarwanda baja gutembera canke basanzwe baba muri Uganda.

Ibihugu vya Angola na Repubulika y'Itwaro Rusangi ya Congo vyaragerageje guhuza abakuru b'ivyo bihugu vyompi, Paul Kagame na Yoweri Museveni ku mugwa mukuru wa Angola, Luanda, mu kwezi kw'umunani uno mwaka.

Abo bakuru b'ibihugu babiri bateye umukono ku rwandiko rwo kurangiza ico cuka kibi muri uwo mubonano bakanashinga umurwi uhuriyemwo bose wo gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'ivyo biyemeje.

Uyo murwi uramaze gukorana incuro zibiri, mu kw'icenda i Kigali, be no muri uku kwezi kwa 12 i Kampala muri Uganda, ariko iyi yo ikaba yarangiye ataco bashitseko.

U Rwanda rubandanya rubuza abanyagihugu barwo kuja muri Uganda. Igipolisi c'u Rwanda kikaba caramenyesheje ko umunyagihugu azoboneka ko yinjiza ibintu bitemewe mu Rwanda atazokwihanganirwa.