Imiliyoni 267 z’amadolari y’uwahoze arongoye Nigeria zafashwe n’ibanki ya Jersey

Sani Abacha yikekwa ko yanyuruje imiliyari zirenga zibiri z'amadolari mw'ibanki nkuru ya Nigeria
Insiguro y'isanamu, Sani Abacha yikekwa ko yanyuruje imiliyari zirenga zibiri z'amadolari mw'ibanki nkuru ya Nigeria

Amafaranga arenga imiliyoni 267 z'amadoralri y'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Nigeria Jenerali Sani Abaca zafashwe n'ibanki yo mu ntara ya Jersey yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikigo co muri iyo ntara Civil Asset Recovery Fund kijejwe gufata amatungo yanyurujwe kivuga ko ayo mahera "yavuye mu biturire" ku butegetsi bwa Sani Abacha mu myaka ya 1990.

Ishirahamwe ritabaho ryitwa Doraville niryo ryari ryanditsweko ayo mahera yahagaritswe mu mwaka wa 2014.

Inyuma y'imyaka itanu y'urugamba mu bucamanza, ayo mahera yashoboye gufatwa, akazogabanganwa hagati ya Jersey, Amerika hamwe na Nigeria.

Umushikirizamanza wa repubulika mu ntara ya Jersey, Robert McRae QC, avuga ko iyo ngingo "yerekana icemezo ca Jersey co kurwanya ubukozi bw'ikibi bujanye n'ikoreshwa nabi ry'amahera be n'ukunyuruza itunga ry'ibihugu".

Bwana Abacha yarongoye igihugu ca Nigeria kuva mu mwaka wa 1993 gushika mu 1998 igihe asandabiye.

Urwego rw'abanyamategeko rwa Jersey ntirwashatse kugira ico rushikirije ku kungene ayo mahera azogabanganwa kubera vyohava "vyononera ibiganiro bibandanya".

Leta ya Jersey ivuga ko yituye ubutegetsi bwa Amerika mu mwaka wa 2007 ibusaba ko ubucamanza bw'ico gihugu bwotangura gukurikirana amahera yanyurujwe.

Ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Amerika bwarasubije igihugu ca Nigera amamiliyoni y'amadolari, buvuga ko Bwana Abacha n'abo bakoranye banyuruje baciye mu mabanki ya Amerika.

Sani Abacha yabonanye na Papa Yohani Paulo wa kabiri mu kwa gatatu kwa 1998, imbere y'uko asandaba

Ahavuye isanamu, JEAN-PHILIPPE KSIAZEK/AFP/GETTY Images

Insiguro y'isanamu, Sani Abacha yabonanye na Papa Yohani Paulo wa kabiri mu kwa gatatu kwa 1998, imbere y'uko asandaba

Inyuma y'amatohoza "akomeye" begeranya ivyemezo mu nzego zitandukanye z'ubucamanza kw'isi, ayo mahera yarahagaritswe n'urwego rw'ubutungane rwa Jersey mu mwaka wa 2014, rukaba rwayashikirije ikigo Civil Asset Recovery Fund ku wa 31 z'ukwezi kwa gatanu guheze.

Ayo mahera ni agace gatoya gusa mu mamiliyaridi yoba yaranyurujwe ku butegetsi bwa Bwana Abacha.

Umwaka uheze, abategetsi b'Ubuswisi barasubije leta ya Nigeria amamiliyoni 300 z'amadolari, inyuma y'uko busanze ari ayari yaranyurujwe mu kigega c'igihugu.

Ayo mahera akaba ariko aragabanganwa mu miryango ibihumbi 300 mu kiringo c'imyaka itandatu iri imbere.