Igitero kw'ihoteli ya Ducit mu burengero bwa Nairobi

Imodoka zari muri parking zahiye mw'ico gitero
Insiguro y'isanamu, Imodoka zari muri parking zahiye mw'ico gitero

Umugwi w'iterabwoba wagavye igitero kw'ihoteli iri ku birometero bibiri uvuye mu gisagara hagati i Nairobi, igipolisi kivuga ko hari abapfuye n'abakomeretse ariko nticari bwashobore kumenya ukwo bangana.

Hari igihe c'isaha icenda igihe humvikana ikintu gituritse c'inguvu nyinshi munyuma hagakurikira urwamo rw'inkoho, kw'ihoteri Ducit iri kw'ibarabara Riverside Drive hafi y'ibiro vya BBC.

Urwamo rw'amasasu rwari rukibandanya inyuma y'iminota 30, imodoka zaka urubeya igihe BBC yashika mw'ico kibanza cari kimaze gukikuzwa n'abajejwe umutekano.

Uwakomeretse araruwe
Insiguro y'isanamu, Uwakomeretse araruwe

Bamwe mu bapolisi bari bamaze gushika mw'ihoteri Ducit bahanganye n'inkozizikibi zateye, abandi basohora abantu bari muriyo.

Abajejwe umutekano basohoye abantu benshi bari bagizwe ingwati, bamwe muribo bakaba bari bakomeretse, ndetse hakaba n'uwacikanye ageze hanze kubera inguma.

Abarokotse bari bagwiriyemwo abigeme n'abakenyezi baza barira, abandi ubona ko bahahamutse, badashaka no kwigana ivyabaye.

Uwakomeretse atwawe n'umukozi wa Croix rouge
Insiguro y'isanamu, Uwakomeretse atwawe n'umukozi wa Croix rouge

Abatabazi bo mu kigo c'umusalaba utukura nabo nyene bari bashitse, batabara abakomeretse, abandi babatwara kuvurigwa mu bitaro.

Kuva ico gihe ico gitero kigabwa, abajejwe umutekano ntibemera kuvugana n'abigo vy'itangazamakuru.

Bamwe mu babarongoye bashitse kwirabira ivyabaye, batanga amategeko y'ingene ibikorwa bikwiye kubandanya.

Icegera c'umukuru w'igipolisi Njoroge Mbugua yaganiriye na BBC yemeje ko igitero cabaye ari ic'iterabwoba.

"Twaronse amakuru kw'ihoteri ya Ducit yatewe n'inklozizikibi ariko ntiturashobora kumenya ukwo bangana. Amakuru twaronse ubwa mbere avuga ko boba bari bane canke batanu. Twahamagaje abapolisi bacu baze gukurikirana ibiriko biraba. Sinogira ico nemeza ku bantu boba bapfuye muri kino gihe. Igipolisi caruhariwe mu bitero nka mwen'ibi niyo bari."

Abajejwe umutekano mu kibanza vyabereyemwo
Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano mu kibanza vyabereyemwo

Uretse abo bapolisi karuhariwe, indege za kajugujugu zaguma zica hejuru y'iyo hoteri, ndetse n'abasirikare bakaba bagomowe.

Mu makuru BBC yashoboye kuronka ku bari hafi y'iyo hoteri, bavuze ko babiri mu bateye bishwe, uwundi arafatwa.

Abigeme bari mw'iyo hoteri bavuyeyo barira bavuga ko igihe bumvise igiturika n'amasasu ko baciye batagura kwinyegeza, bamwe mu tuzu twa surwumwe, abandi inyuma y'ububati.

Babonye umwotsi mwinshi munyuma basohogwa n'abajejwe umutekano.

Abarongoye inzego z'umutekano bavuze ko batanga amakuru arambuye hanyuma.