Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubudage bwakozweko ubusuma bwo kuri internet bukomeye bumaze kuboneka muri ico gihugu
Ubudage bwahuye n'ubusuma bubera kuri internet bukomeye ico gihugu kimaze kubona, amakuru bwite y'ibiranga abanye politike, abanyamakuru na ba rurangiranwa bishirwa ahabona.
Ivyashizwe ahabona muri ubwo bugizi bwa nabi birimwo nimero za telefone z'abo bantu hamwe na nimero z'amakarata yabo ya banki.
Umukuru w'igihugu, Frank-Walter Steinmeier, ari mu bagizweko ubwo bugizi bwa nabi, abandi banyepolitike benshi muri bo bakaba ari abari mu bafise ivyiyumviro vyo hagati canke bishigikira amahinduka.
Ayo makuru yashizwe ku rubuga hwaniro rwa Twitter nk'uburyo bw'ikirangaminsi, bagatangaza ko ibindi bizoza birashirwako gushika ku munsi wabanjirije Noweli mu kwezi guheze.
Hari amakuru avuga ko abagizi ba nabi bo kuri internet, bazwi nka hackers mu congereza, bashigikiwe n'imwe mu maleta yo kw'isi canke abagira ku vyiyumvira bidashima amahinduka, boba ari bo babiri inyuma.