Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora yungururijwe kure mu ntara zimwe zimwe nka Kivu ya Ruguru muri RD Congo
Mw'itangazo ry'akanama kajejwe amatora ryasohowe kuwa Gatatu, bivugwa ko amatora yungururijwe mu kwezi kwa Gatatu mu duce twa Beni na Butembo, mu ntara ya Kivu ya ruguru; no mu gace ka Yumbi mu ntara ya Mai Ndombe muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).
Akanama kajejwe amatora (CENI) gasigura ko kafashe iyo ngingo kubera ikibazo c'umutekano muke hamwe n'ikiza ca Ebola.
CENI yasohoye n'ikirangaminsi gishasha c'amatora.
Ibitigiri mfatakibanza vy'amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe itariki 30 Ukwezi kwa 12, bizotangwa itariki 6 Ukwezi kwa Mbere, ibitigiri ntabanduka bitangwe itariki 15 z'Ukwezi kwa Mbere.
Umukuru w'igihugu mushasha azorahizwa itariki 18 z'Ukwezi kwa mbere.
Abasesenguzi mu vya politike baribaza ico amatora yo mu kwezi kwa Gatatu azoba amaze, mu gihe amatora nyamukuru azoba yarangiye mu kwezi kwa Mbere.