Abagendana ubumuga mu Burundi barashobora kwinonora imitsi ariko bafise ubukene bw'ibikoresho

Mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ubumuga, abagendana ubumuga mu Burundi bavuga ko bagerageza gukora imirimo nk'iyo abavutse bakomeye nko kwinonora imitsi ariko ko bafise ikibazo c'ibikoresho.

Nko mu mugwi wa Muzinga uhurikiyemwo abamugariye ku rugamba, bavuga ko badafise ibikoresho vya nkenerwa bakenera kugira bashobore gukina neza.

BBC yagendeye uwo mugwi mu kibanza bariko barimenyererezamwo bitegurira amahiganwa yimirije ya sitting volley ball, bamubwira ko binonora imitsi kugira babungabunge amagara yabo.

Patrice Niyonsaba umwe mu ndongozi z'uwo mugwi yabwiye BBC ati:" Twahisemwo iyo nzira yo kwinonora imitsi kugira tubungabunge umubiri wacu usanzwe ufise ubumuga.

«Ni bwo buryo twabonye bwodufasha kwibagira ivyo twaciyemwo n'agahitiye»

«Hari abitwaza ubumuga bwabo bakaja gusega. Ariko twebwe si ko tubibona. Turashoboye kandi turamaze gutera iteka igihugu aho twagiye akatari gake guserukira uburundi mu makungu».

Patrice avuga ko kuva uwo mugwi utanguye muri 2006, mu kibano ngo basigaye babubaha kubera babona ico bashoboye.

Ariko uwo yahoze ku rugamba avuga kandi ko bahanzwe n'ingorane zijanye n'ubukene bw'ibikoresho vya nkenerwa, amabutura, ivyo bambara ku mavi kugira bibakingire kubera bakina bicaye.

Agira ati:«Iki kibuga dukinirako nticagenewe abagendana ubumuga. Kenshi turakomereka tukaja no kwa muganga. Dusaba ababijejwe ko bodufasha bakatwubakira ibibuga bimeze neza, baturonderere n'imyambaro bijanye»

Umugwi Muzinga ugizwe n'abasirikare bamugariye ku rugamba, bafise ubumuga butandukanye.

Inkino bakina harimwo sitting volley ball, Athlétisme, ping pong, Kwoga, n'izindi.

Uwo mugwi ufise amashami agera kw'19 mu ntara zitandukanye z'igihugu.

Anne Marie Nduwimana arongoye ishirahamwe AFHD ry'abakenyezi bagendana ubumuga na bo nyene bakina umukino wa sitting volley ball, avuga ko ingorane ari nyinshi.

Avuga ati:"Kiretse ibibuga bitameze neza, aho bakinira ngo nta n'imisarani ihari yagenewe gufasha abafise mwene ubumuga. iyumvire nk'ubu umuntu agenda aravura hama akaja mu musarani w'abagenda n'amaguru. kenshi usanga hasi ata suku rihari ugasanga uwugendana ubumuga yinjiyeyo akoza amaboko hasi. murumva ko dushobora kuhakura ingwara."

Abandanya avuga ko kugeza ubu ata mugwi nserukiragihugu w'abagendana ubumuga uhari, agasaba reta kwitaho ico gisata.

AFHD ivuga ko bamaze kuja mu mahiganwa menshi mu bihugu vya Uganda na Tanzania.