U Burundi buridogera u Rwanda ko rushikiriza imvugo itabereye irimwo amajambo atyoza ico gihugu

Inama y'umutekano y'u Burundi yasohoye itangazo rivuga ko abategetsi b'u Rwanda bamaze imisi bashikiriza imvugo zitabereye ku gihugu c'u Burundi.
Iyi nama yiyamiriza kandi iyirukanwa ry'Abarundi baba mu gihugu c'u Rwanda rimaze imisi ryibonekeza.
Biri mw'itangazo iyo nama yashikirije kuri uyu w'Imana rikaba ryasomwe n'umukuru w'iyo nama y'umutekano Silas Ntigurirwa.
Agira ati :«Inama nkuru y'umutekano irateye ivyatsi iyo nyifato itubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga imbibe z'igihugu hamwe n'ayagenga agateka ka zina muntu».
Umukuru w'inama y'umutekano ariko ntadoma urutoke kuri izo mvugo zitabereye abategetsi b'u Rwanda boba barashikirije.
Mu minsi iheze harabaye ibikorwa vyo guhungabanya umutekano mu Rwanda mu turere twegereye ishamba rya Nyungwe, hafi y'urubibe rw'u Burundi.
Abejejwe intwaro mu Rwanda bavuze ko abakoze ivyo bikorwa baje bava mu Burundi, bakaba ari naho basubiye.
Ariko u Burundi bwariyamirije ivyo vyavuzwe n'u Rwanda, buvuga ko atari vyo na gatori.
Muri aya mezi abiri aheze, Abarundi baharurwa mu majana baba mu Rwanda barirukanywe n'ubutegetsi bw'ico gihugu ku mvo zitarashirwa ku mu garagaro.
Bamwe mu birukanywe bagiriza abategetsi b'u Rwanda ko babanyaze utwabo.
BBC iracagerageza kumenya inkuru y'ukuri kuri iryo yirukanwa.










