Guardiola asaba abakinyi ba Man City "kwitondera" urukino rwa Liverpool

Umumenyereza w'umugwi Manchester City, Pep Guardiola asaba abakinyi "umukino utagira agatosi" ngo bashobore kugaruza ibitsindo 3-0 binjijwe mu rukino rwa mbere rw'igice ca kane ca Champions League.

City igiye kuja mu rukino rwa kabiri ku munsi wa kabiri yaheruka gutsindwa kabiri n'aba Reds hamwe na Manchester United, ico Guardiola yise indwi "ikomeye".

Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Espagne, avuga ko afitiye icizere umugwi wiwe "w'igitangaza".

"Uburyo bwo nyene bwiza bwo gukina urukino rwiza ni kwigirira icizere," niko yabandanije avuga.

"Kugira uheze urukino neza, utegerezwa gukina neza cane, ukarondera uturyo two kwinjiza, ukarekera amahirwe ari ku rushi abo muhura. Amahirwe tuyaronse, dukwiye kuzibira neza.

"Dufise iminota 90 kandi vyose birashoboka. Kandi tuzobigerageza.

Abajijwe niba gutsindwa kabiri mu ndwi iheze bitagize ingaruka ku bakinyi, Guardiola yishuye ati: "Ntavyo nzi.

"Ariko nitutashobora kubirengera , kizoba ari icigwa kuri kazoza.

"Ni ikibazo. Umupira w'amaguru co kimwe n'ubuzima, bigira amahinyu."