Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji Kabarebe ntashobora kwitaba mu Bufaransa
Umwunganizi w'umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe kwivuna abansi avuga ko adashobora kwitaba ubucamanza bw'Ubufaransa mw'itohoza kw'iraswa ry'indege ya Habyarimana.
Maitre Bernard Maingain yabwiye BBC ko kubera amabanga ajejwe nk'umushikiranganji w'igihugu, adashobora guhamazwa n'uwushatse wese ngo aje kwumvirizwa.
Bwana Maingain yagize ati: "Ntushobora guhamagaza umushikirangnaji ajejwe kwivuna abansi w'u Rwanda, nk'uko udashobora guhamagaza uw'Ubwongereza."
Uyu munsi n'ejo kuwa gatanu niho vyari bitegekanijwe ko abacamanza bo mu Bufaransa, Nathalie Poux na Jean Marc Hebaut, basubiriye umucamanza Marc Trevidic, bumviriza umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe kwivuna abansi.
Guhuza Kabarebe n'icabona
Vyari bitegekanijwe ko abo bacamanza bahuza General James Kabarebe n'icabona gishasha kimushinja kugira uruhara mw'ikororwa ry'indege ya Prezida Juvenal Habyarimana.
Maitre Maingain yongeyeko yuko ico cabona kidashobora kwizerwa ngo kuko kimaze kuvuga ibintu bibiri bidasa mu kwumvirizwa kwabanje.
Ikibazo c'iraswa ry'indege yari itwaye uwari umukuru w'u Rwanda, Juvenal Habyarimana, hamwe n'uwari umukuru w'u Burundi, Cyprien Ntaryamira, hamwe n'abandi bategetsi, camye gikwega induru hagati y'u Rwanda n'ubucamanza bw'Ubufaransa.
Ubwo bucamanza bukurikirana ico kibazo kubera impfu z'abadereva b'Abafaransa bari batwaye iyo ndege igihe iraswa mw'ijoro ryo kuwa 06/04/1994.