Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impungenge ku bana bakoresha YouTube
Umugwi w'abakorerabushake uzwi kw'izina rya 'Tursted Flaggers', urinda urubuga rwa YouTube abahacisha ibikwegera abana gukoreshwa mu busambanyi, wabwiye BBC ko urwo rubuga rusa n'urwananiwe gukwirikirana umurengera w'ibirego bijanye n'ubwo bugizi bwa nabi.
N'ubwo bivugira ko izo video ziterekana ibiterasoni vyo ku rugero rwa 'pornographie', bavuga ko amajambo yandikwa munsi y'ama video yerekana abakiri bato, usanga avuga yeruye ivyerekeye igitsina.
Umugwi Trusted Flaggers uvuga ko hashobora kuba hari abahiga kugirira nabi abana, baciye kuri YouTube.
Ariko YouTube, ifise umuhora kuri Google, yemeza ko ikumira yivuye inyuma, ibijanye na pornographie vyose, n'ibindi bishobora gukwegera abana mu busambanyi.