Abakoze igitero i Tel Aviv bategerezwa kubibazwa

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yiyeme guhana bikomeye abagize igitero cahitanye abantu i Tel Aviv.

Abanye Palestine babiri bitwaje inkoho barashe mu buriro, bica abantu bane, bakomeretsa abandi batandatu.

Abagirizwa ubwo bwicanyi babiri, abavyara baturuka West Bank, bahagaritswe.

Umwe yishwe arashwe.

Reta ya Israel yarahagaritse impusha zo kwinjira muri ico gihugu 83,000 z'abanye Palestine mu kiringo ca Ramadan.

Ibinyamakuru vyo muri Palestine bivuga ko igisirikare ca Israel cazungurutse ikigwati ca Yatta kiri mu ntara ya West Bank, aho abo bagirizwa ivyo bitero baturuka.

Mu kwishura, umugwi wa Hamas wakeje abakoze ubwo bwicanyi, uvuga ko ari intwari.