Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kwubakana musangiye igitsina birarekuwe muri Seychelle
Abashingamateka bo mw'izinga rya Seychelle bemeje itegeko ritabangamira abakundana basangiye igitsina.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho prezida James Michel, atangarije mw'ijambo ryiwe mu kwezi kwa kabiri ko, ashaka gukura itegeko ribangamira abakundana basangiye igitsina.
Abakuru b'amadini cane cane Katolika, baramunebaguye bavuga ko gukundana musangiye igitsina biteye kubiri n'amategeko y'idini.
Ariko abashingamateka batoye iryo tegeko bavuga ko ibwirizwa shingiro riha uburenganzira bumwe abantu, ko rero badashobora guhanwa kubera uko baremwe.