Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Onu isaba Amerika n’Uburusiya kurokora ibiganiro vy’amahoro
Intumwa ya Onu mu gihugu ca Syria yateye akamo Amerika n'Uburusiya kugira ico bakoze ku "rugero rwo hejuru" mu kurokora ibiganiro vy'amahoro.
Ashikiriza ijambo mu kanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi ku ntambwe ibiganiro vy'amahoro biteyeko, Staffan de Mistura yavuze ko agahengwe kemeranijwe mu kwezi kwa kabiri " kakiriho bidafashe".
Intambara muri Syria yarongerekanye muri iyi misi ya vuba, n'aho hasanzwe hari amasezerano yo kuyihagarika.
Abantu boba bashika 20 boba barishwe kuri uyu wa Gatatu bahitanywe n'ibitero vy'indege za reta ku bitaro no mu mazu abantu babamwo avyevyegereye mu buseruko bwa Alepp.
Muri abo bapfuye harimwo abana hamwe n'umuganga umwe rukumbi yari asigaye avura ingwara z'abana muri ico gice c'igisagara kiri mu minwe y'abarwanya reta, nk'uko abanyagihugu bari ku rugamba ku gushaka kwabo babimenyesheje itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Ukwongerekana kw'imigwino muri ico gisagara kinini ca Syria gushitse mu gihe hari inkuru zivuga ko ingabo za reta zishigikiwe n'izo Uburusiya, biteguriye gukora ibindi bitero bikomeye.