Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Abantu benshi bapfuye nyuma y’uko ubwato burohamye muri Nigeria

Iyi mpanuka yabereye mu mujyi wa Sokoto, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bw’igihugu, birakekwa ko benshi mu bahitanywe na yo ari abana.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu na Latifa Mutesi

  1. Nogaba ibitero kuri Irani izindi ncuro zirenga ijana hamwe vyokenerwa – Trump

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko hamwe vyoba ngombwa yotera Irani incuro ijana zirenga kugira ayibuza kuronka ibirwanisho vya nikleyere.

    Mu kiganiro yagiranye n’imwe mw’iradio zo muri Amerika, yamenyesheje ko iyo hataba ibikorwa yakoze, Israel hamwe n’akarere kose k’Ubuseruko bwo Hagati biba vyarazimanganye muri iki gihe.

    Muri ico kiganiro, avuga ko yategetse ibitero ku bibanza n’inyubako vya Irani birangurirwamwo imigambi ya nikleyere igihe ico gihugu cari gisigaje indwi zibiri gusa ngo gikore ikirwanisho kirimbuzi.

    Trump ashimangira kandi ko, n’ubwo ibinyamakuru bivuga ibitandukanye, Amerika ari yo igenzura umuhora wa Hormuz.

    Yongeye kuvuga ko ubushobozi bwa Irani bwo kurasa misire no gukoresha ama ‘drones’ bwagabanutse cane, kandi ko ubutunzi bw’ico gihugu buri hafi gusenyuka.

    Trump yise “icago” amasezerano yari yashitsweko mu 2015 hagati ya Irani n’ibihugu rutura harimwo Amerika ku butegetsi bwa Obama. Yabandanije avuga ko kuva ayo masezerano asinywe vyari bikenewe ko Irani ibuzwa kuronka ikirwanisho ca nikleyere.

    Yise Irani “umuterabwoba wo mu Buseruko bwo Hagati”, yongerako ati: “Nk’uko twabibonye, Irani yaranateye ibihugu nka Qatar, Bahrain, Kuwait na Emirats Zunze Ubumwe z’Abarabu, ....”

    Perezida wa Amerika yashimitse ku ciyumviro c’uko iyo Amerika itagira ico ikoze mu vya gisirikare, Irani yari kuba yarasenyuye ivyo bihugu vyose kandi yobaye iriko yitegurira gutera ubutaka bwa Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Abantu benshi bapfuye nyuma y’uko ubwato burohamye muri Nigeria

    Nibura abantu 46 bamaze gupfa nyuma y'uko ubwato bari barimo burohamye mu mujyi wa Sokoto, mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Nigeria.

    Abategetsi bavuga ko ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 70, benshi muri bo bakaba bari abana. Ibikorwa byo gushakisha abataraboneka biracyakomeje.

    Ku wa kane, umuvugizi wa Polisi, Ahmad Rufai, yabwiye BBC ko imibiri y’abantu 46 yabonetse hafi y’agace ka Gorau, mu mujyi wa Gorony. Yavuze kandi ko abantu 16 barokowe, mu gihe abandi 15 bagishakishwa.

    Rufai yongeyeho ko, aho impanuka yabereye bigoye kuhagera, ariko ko inzego z’umutekano n’iz’ubutabazi ziri kuhajya.

    Umwe mu babonye ibyabaye yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko yatekerezaga ko abo bana bari kumwe n’aba nyiri mirima ndetse n’abakozi bajyaga gusarura umuceri.

    Uwo mutangabuhamya yavuze ko babonye imibiri igera kuri 50, myinshi muri yo ikaba yari ipfukishijwe imikeka n’imyenda gakondo mbere y’uko bashyingurwa.

    Umuvugizi w'Ikigo gishinzwe ibikorwa by'ubutabazi (NEMA) muri Nigeria, Ezekiel Manzo, yabwiye BBC ko Gorau ari ahantu hitaruye cyane.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.