Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Ibitero vya Israel kuri Liban vyishe abantu 31 kandi ivuga ko bizobandanya iyindi misi

Intambara hagati yAmerika na Israel ku ruhande rumwe hamwe na Irani ku rundi ruhande yinjiye ku munsi wa gatatu impande zose zigaba ibitero binini by'indege. Dore ibintu ingene byifashe

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gisele Berwa, Chancard Abimana na Samba Cyuzuzo

  1. Menya uko ingaruka z'iyi mirwano iri mu burasirazuba bwo hagati zishobora kukugeraho

    Ese wari uzi ko iyi mirwano irimo kuvugwa mu burasirazuba bwo hagati ingaruka zayo zishobora kukugeraho bidatinze kubera inzira ntoya iri hagati ya Iran, Emira z’abarabu na Oman?

  2. Arabie Saoudite ivuga ko yahagaritse umuriro ku ruganda rutunganya ibitoro rwa leta.

    Ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu ya Arabie Saoudite bwavuze ko "umuriro muto" wadutse ku ruganda rwa Ras Tanura, rucungwa n'ishirahamwe rya leta rishinzwe peteroli, Aramco, bamaze kuwuzimya.

    Iryo tangazo, ryatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya Arabie Saoudite, rivuga ko urwo ruganda "rwononekaye gatoyi bivuye ku bisigarira vyakorotse " inyuma yo kurasa “indege zitagira umudereva zibiri mu micungararo y'urwo ruganda". ryongeyeko ko uwo muriro "wazimijwe ubwo nyene" n'abajejwe gutabara, ata n'umwe yakomeretse canke yahasize ubuzima.

    Amasanamu yemejwe na BBC yerekana umuriro hamwe n'umwotsi mwinshi uva muri urwo ruganda.

    Arabie Saoudite imaze igihe yakira abasirikare ba c za Amerika n'iz'ibihugu vyo mu burengero bw'isi, kandi ku musi wa gatandatu leta yayo yasohoye itangazo yiyamiriza "ibitero vy'iterabwoba vya Irani".

    Ivyo bitero "vyagenze neza" kandi vyatewe mu karere ka Riyadh no mu ntara yo mu buseruko, nk'uko bivugwa na Arabie Saoudite.

    Ivyo bitero “vyahagaritswe neza” kandi vyari bitewe mu karere ka Riyadh no mu ntara yo mu buseruko.

  3. Ibitero vya Israel kuri Liban vyishe abantu 31

    Ibitero vya Israel ku gisagara ca Beirut no mu bumanuko bwa Liban, vyahitanye abantu 31, 149 barakomereka, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Liban.

    Igitigiri c'abahitanywe n'ivyo bitero ntikiramenyekana cose, nk'uko iryo tangazo ribandanya ribivuga.

    Ibitero biriko biriyongera mu gihe imishamirano yo muri ako karere yabaye myinshi, aho abanyagihugu bo mu turere twinshi twasinzikajwe n'ivyo bitero bavuga ko hari ibisasu bikomeye birko biraterwaho hamwe n''abantu bariko barahunga ku bwinshi.

    Ibitero vya misile n’indege zitagira abapidereva vya Irani biriko birababa vyinshi muri ako karere kose, bituma haba ubwoba bw’uko iyo ntambara ishobora kubandanya kwaguka ikarenga ako karere.

  4. Igisirikare ca Israel kivuga ko ibitero kuri Libani bizomara 'iminsi myinshi'

    Igisirikare ca Israel caratanguje “Ibitero” kuri Hezbollah gishobora kumara iminsi myinshi, nk’uko umukuru w’igisirikare ca IDF Eyal Zamir yemeza.

    Avuga ati: "Twaratanguye igikorwa co gutera Hezbollah. Ntituri ku ruhande rwo kwikingira gusa, ubu tuja ku no ruhande rwo gutera."

    “Dukeneye kwitegura iminsi myinshi y’intambara, myinshi cane. Dukeneye kuba twiteguye neza kwikingira n’ukwama twiteguye kugaba ibitero, mu mpande zitandukanye.”

  5. Burkina Faso: Amayobera ku masasu yarasiwe hafi y’ibiro by’umukuru w’igihugu

    Mu ijoro ryo kuwa gatandatu rishyira ku cyumweru amasasu menshi yumvikaknye hafi y’ibiro by’umukuru w’igihugu cya Burkina Faso ariko kugeza ubu ibirambuye ku byabaye ntibiramenyekana.

    Radio RFI ivuga ko bishoboka ko bifitanye isano "n'ukutumvikana hagati y’abasirikare ku micungire y’umutekano" mu gihe mu byumweru bishize havuzwe ibitero byinshi by'imitwe y'abajihadiste ku ibirindiro by’ingabo.

    Ni iki cyabaye ku biro bya Perezida Traoré?

    Ahagana mu ma saa sita z’ijoro ku wa gatandatu humvikanye amasasu menshi i Ouagadougou hafi y'ibiro bya Perezida.

    Ibi byatumye aba “Wayiyans” - abashyigikiye ubutegetsi bwa Captain Ibrahim Traoré batekereza ko ari igerageza ryo kumuhirika ku butegetsi, maze batangaza impuruza ku mbuga nkoranyambaga.

    Inzego z’umutekano zabwiye RFI ko "bishobora kuba byatangiye bitewe n’isasu ryarashwe ku modoka yari irimo ibikoresho byaka vuba".

    Ibyo byakurikiwe n’inkongi y’umuriro yatwitse nibura izindi modoka esheshatu zari ziparitse hafi y’Ibiro by’Umukuru w’Igihugu, mbere y’uko abazimya umuriro bagera aho ibi byabereye.

    Ibiro by'umukuru w'igihugu kugeza ubu ntibiragira icyo bivuga ku byabaye.

    Umwe mu baganiriye na RFI avuga ko hari ukutumvikana mu basirikare bakuru n'abato ku micungire y'umutekano mu gihugu.

    Abatuye Ouagadougou bo bavuga ko bakomeje imirimo yabo ya buri munsi, kandi ko nta ngamba z’umutekano zidasanzwe babonye.

  6. Perezida Ruto wa Kenya yanenzwe nyuma yo kwamagana ibitero bya Iran ntiyamagane ibya US na Israel kuri Iran

    Perezida wa Kenya arimo kunengwa n’abakoresha imbuga nkoranyambaga nyuma y’uko yanditse yamagana ibitero birimo gukorwa na Iran ku bihugu byo mu karere k’uburasirazuba bwo hagati.

    Ku nshuro ya mbere avuga kuri iyi mirwano yatangiye ku wa gatandatu, William Ruto yanditse ku rubuga X mu gitondo kuri uyu wa mbere ko “Kenya yamaganye ibitero kuri Emira z’Abarabu, Arabia Saoudite, Iraq, Oman, Kuwait, Jordan na Bahrain”.

    Iran ivuga ko irimo kurasa ku bigo bya gisirikare bya Amerika biri muri ibi bihugu.

    Perezida Ruto avuga ko “guhindura iyi ntambara iy’akarere” bishyira mu kaga gakomeye amahoro n’umutekano ku rwego mpuzamahanga, asaba impande bireba “kujya vuba mu biganiro”.

    Kuba atamaganye ibitero kuri Iran, ntanihanganishe Iran – igihugu gifitanye ubucuti na Kenya – ku iyicwa ry’umutegetsi w’ikirenga wayo Ali Khamenei byarakaje bamwe mu banya-Keya.

    Umwe yanditse ati: “Mr President ntiwigeze wihanganisha ku rupfu rwa Imaam Khamenei, Iran yari inshuti yacu”.

    Undi ati: “Ibi birenze ubushobozi bwawe Mr President. Fata popcorn zawe urebe umukino w’abahungu bakuru”.

    Undi nawe ati: “Wa mugabo we, urashaka ko natwe batuzira? Reka izo ntambara si izacu. Reba iby’amazu aciriritse [umushinga uvugwa cyane muri Kenya]…na politike za hano. Muri macye reba ibyo ushoboye.”

    Undi ati: “Ese Kenya hari icyo yavuga kuri US na Israel?”

    Gusa si bose bamunenze, undi yanditse ati: “Uvuze neza Mr President, igisubizo kiganisha ku mahoro kirakenewe aka kanya.”

    Kugeza ubu uretse Ruto, abandi bakuru b’ibihugu byo mu karere Kenya irimo hafi ya bose birinze kuvuga kuri iyi ntambara mu burasirazuba bwo hagati, yaba kwihanganisha Iran cyangwa kwifatanya na Amerika na Israel.

  7. Ibiciro vya peteroli vyaduze, inyuma y'uko ubwato butatu burashweko hafi y'ikigobe ca Hormuz

    Ibiciro vy'igitoro kw'isi vyaduze inyuma y'aho ubwato butatu burashweko hafi y'ikigobe ca Hormuz, mu gihe Iran ibandanya kugaba ibitero mu karere k'uburasirazuba bwo hagati mu kwishura ku bitero vya Amerika na Israel.

    Ubwato bubiri bwatewe kandi "igisasu kitaramenyekana" bivugwa ko "caturikiye hafi cane" n'ikindi ca gatatu, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riraba ubudandaji bwo mu mazi ryo mu Bwongereza (UKMTO).

    Iran yagabishije ubwato kudaca muri ico kigobe, gisanzwe gitwara ibice 20 kw'ijana vy'igitoro na gaz kw'isi.

    Mu kwugurura amasoko yo muri Aziya ku musi wa mbere, ibiciro vy'igitoro vyaduze ku bice birenga 10 kw'ijana imbere y'uko bigabanuka.

    Isaha 10 z’agatondo (ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda), igitoro ca Brent cari hejuru y'ibice 4 kw'ijana gishika ku madolari 76.16 ku kagunguru kamwe, mu gihe igitoro kigurishwa muri Amerika naco cari ciyongereye ku bice 4 kw'ijana gishika ku madolari 69.67.

    Saul Kavonic, umukuru w'ubushakashatsi ku bijanye n'ibitoro muri MST Research, yabwiye BBC ati: "Nta hungabana riraba kw'isoko mpuzamakungu".

  8. Ikibuga cy’indege cya Kisangani ‘cyongeye guterwa’ na drones kamikaze

    Ubutegetsi bw’Intara ya Tshopo mu burasirazuba bwa RD Congo bwatangaje ko ikibuga cy’indege cy’umurwa mukuru w’iyi ntara, Kisangani, kuri iki cyumweru cyibasiwe n’ibitero by’indege za drones ziba zitwaye ibisasu zigaturikana nabyo ‘kamikaze’.

    Ikibuga cy’indege mpuzamahanga cya Bangboka i Kisangani cyaherukaga guterwa na drones ku itariki ya mbere z’ukwezi gushize, nabwo hari ku cyumweru, mu gitero cyigambwe n’umutwe wa M23.

    Mu itangazo, umuvigizi w’iyi ntara Claudine Elondia, yavuze ko “enye muri izo drones” zateye ejo ku cyumweru “zarasiwe mu kirere cya Bangboka” hagati ya saa 15h48 na saa 19h48.

    Elondia avuga ko iya nyuma yo yarashwe mu gihe indege ya gisivile ya kompanyi CAA “yariho igwa ku kibuga cy’indege” saa 19h45.

    Itangazo rya Elondia rivuga ko izo drones zoherejwe n’umutwe wa M23 ufashijwe n’u Rwanda, M23 cyangwa leta y’u Rwanda ntacyo baratangaza kuri ibi birego bya leta ya Tshopo. Ubusanzwe u Rwanda ruhakana gufasha umutwe wa M23.

    Ubushize, Corneille Nangaa ukuriye AFC/M23 yari yavuze ko indege z'ingabo za leta zikoreshwa mu gutera aho bagenzura "ubu zizajya zirasirwa aho zituruka".

    Yongeyeho ko "Gukoresha Kisangani nk'ahaturuka ibikorwa by'iterabwoba bigabwa ku butaka bwacu birabujijwe. Ubu Kisangani ntikiri ikirindiro gifite ubudahangarwa."

    Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika wamaganye umutwe wa AFC/M23 ku gitero giheruka kuri iki kibuga cy’indege cya gisivile.

    Igisirikare cya FARDC kimaze ibyumweru kigaba ibitero bikomeye byifashisha za drones mu bice bigenzurwa na M23 mu ntara za Kivu y’Epfo na Kivu ya Ruguru, ibitero byahitanye umuvugizi w’uyu mutwe Lt Col Will Ngoma.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Umugabo ahunga ava mu bumanuko bwa Liban yabwiye BBC ati: “Birababaje cane”

    Ubu nyene turonse amajwi avuye ku mugabo wo mu bumanuko bwa Libani ariko arahunga ari kumwe n’umuryango wiwe.

    Uwo mucuruzi w’imyaka 55 yavuze ati “Birababaje cane”. “Twari twicaye i muhira, hanyuma ibi bica biraba giturumbuka. Twarumiwe, duca turatekera vyihuta, turavyura abana, twinjira mu modoka. Ubu turacari mu mabarabara yugaye kubera abantu benshi bariko barahunga bava mu bumanuko.”

    Uyo mugabo afise abana batatu, atashimye ko izina ryiwe ritangazwa, avuga ko ariko atwara imodoka “atazi iyo ariko araja canke aho azohereza.”

    Yongeye avuga ko abavyeyi biwe baba mu gisagara ca Beirut mu micungararo ya Dahieh “na bo nyene bitarakunda ko babandanya kandi bariko baragerageza guhunga.”

    Yavuze ati: “Turarushe no kwama duterwa tukava mu mazu yacu no ku butaka bwacu minsi yose .”

    Igisirikare ca Israel casavye abantu baba mu mihana myinshi iri mu buseruko no mu bumanuko bwa Liban guhungira kure mu gihe hashobora kuba ibindi bitero.

    Israel ivuga ko iriko irasubiza ku bisasu bya roketi byatewe n'umutwe wa Hezbollah kuri Israel mu gikorwa co gushigikira Iran.

  10. Ivyo tuzi gushika ubu kuri uyu munsi wa gatatu w'intambara iri hagati ya Amerika na Isiraheli irwanya Irani.

    Intambara ya Amerika na Israel irwanya Iran yinjira ku musi wa gatatu, impande zose ziriko ziragaba ibitero vyinshi vy'indege bikomeye.

    Ng'ibi bishasha:

    • Donald Trump yavuze ko "ibikorwa vya gisirikare" birwanya Iran bzobandanya "gushika aho imigambi yacu yose izoshikwako" mu butumwa bwa video yashikirije.
    • Yavuze kandi ko hashobora "kuba hari abandi" basirikare ba Amerika bokomereka canke bagapfa, inyuma y'uko Ubuyobozi bwa gisirikare bwa Amerika (US Central Command) bwemeje ko abasirikare batatu ba Amerika bishwe, abandi batanu barakomereka bikomeye mu gitero ca Iran.
    • Mu bucagucagu bwo ku wa mbere, Israel yatanguye kugaba ibitero ku vyo yavuze ko ari ibirindiro vya Hezbollah muri Liban, inyuma y'uko uwo mugwi urashe ibisasu ku butaka bwa Israel.
    • Abategetsi ba Iran batangaje ko abantu n'imiburiburi 153 bishwe inyuma y'igitero cakozwe kw'ishure ry'abigeme, Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian akita ico gikorwa "ubugome bukabije."
    • Ibisasu vya misile vya Iran vyateye igisagara ca Beit Shemesh, vyishe abantu n'imiburiburi icenda, nk'uko vyatangajwe n'ishirahamwe ritwara indembe rya Israel, Magen David Adom. Ni co gitero kibi cane cahitanye abantu benshi muri Israel kuva iyi ntambara itanguye.
    • Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu zatangaje ko abantu batatu bishwe kuva ku wa gatandatu mu bitero vya Irani vy'ukwihora, kandi haravuzwe ibisasu no muri Bahrain, mu gisagara ca Erbil muri Iraki, no muri Jordanie.
    • Ibiciro vya petroli vyaduze cane kw'isoko mpuzamakungu igihe amasoko yugururwa muri Aziya mu gitondo co kuri uwu wa mbere.
    • Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Sir Keir Starmer, yavuze ko Ubwongereza buzoreka Amerika igakoresha ibirindiro vya gisirikare vyabwo mu bikorwa vy'ukwivuna abansi, ariko ko "butazofatanya nayo mu bitero."
    • Igisirikare co mu kirere c'Ubwongereza (RAF) cemeje ko kiriko kirishura inyuma y'igitero c'indege zitagira abadereva (drone) gikekwa ku birindiro vyo muri Chypre.
  11. Trump yavuze ko abandi banyamerika benshi bashobora gupfa muri ibi bitero kuri Iran

    Donald Trump yavuze ko "ibitero " kuri Iran bizakomeza "kugeza igihe intego zacu zose zizaba zagezweho" mu ijambo rye kuri video.

    Yavuze ko "hashobora kubaho abandi" banyamerika bapfa cyangwa bakomereka nyuma y'uko ubutegetsi bukuru bwa Amerika bwemeye ko abasirikare batatu ba Amerika bishwe n'abandi batanu bakomeretse bikomeye mu bitero kuri Iran.

    Trump yavuze ko ibi bitero bishobora kumara ibyumweru.

    Mu masaha ya kare yo kuwa mbere, Israel yatangiye kugaba ibitero mu murwa mukuru Beirut wa Liban ku byo yise gusubiza ku bitero bya Hezbollah, nyuma y'uko umutwe w'inyeshyamba urashe ibisasu bya roketi muri Israel.

    Umuryango w’ibihugu by’Abarabu watangaje ko abantu batatu bapfuye kuva kuwa gatandatu mu bitero byo kwihorera bya Iran, mu gihe ibisasu byaturitse no muri Bahrain, umujyi wa Erbil muri Iraq na Yorodaniya.

    Minisitiri w’Intebe w’Ubwongereza, Sir Keir Starmer, yavuze ko Ubwongereza bugiye kwemerera Amerika gufata ingamba zo kwirwanaho ku birindiro bya gisirikare by’Ubwongereza ariko "ntibuzafatanya mu bikorwa byo gutera ubu".

  12. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.