Romelu Lukaku: umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel 'ntiyakunze' amajambo y'uyu musatirizi

Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel avuga ko amajambo ya Romelu Lukaku yavugiye mu kiganiro n'umunyamakuru aho uyu musatirizi yavuze ko atishimiye ikibanza afise mu murwi "azana induru zidakenewe".

Mu kiganiro cabaye haraciye indwi zitari nke ariko kikaba cashishijwe mu binyamakuru ku wa kane, Lukaku yavuze ko yopfuma yisubirira muri Inter Milan bidatevye.

Tuchel ati: "Ntavyo nkunda".

"Ariko si nshaka kuvuga vyinshi kuri vyo gusumba uko biri ubu. Biroroshe kuronka ivyo umuntu avuga kuri vyo".

Uyu mudagi yongerako ati: "Mvugishije ukuri, ntavyo nkunda kuko ni induru tudakeneye. Dukeneye ituze no kuguma duhanze amaso ibiri imbere, kandi ntaco bifasha".

"Jewe si mbona ko ababaye. Ivyo mbona ni igihushane. Iyo umbaza ejo mu gatondo haheze, nari kuvuga ko ameze neza cane. Nico gituma ari ibintu bitangaje, ariko si jewe muntu wo kubibaza.

"Ni vyiza ko dufata umwanya kugira dutahure ikibazo aho kiri kuko ntabwo ari ikibazo ca buri musi, ntabwo ari ingendo ya buri musi, ntabwo ari inyifato Romelu yerekana hano".

Muri ico kiganiro n'imboneshakure Sky Sport Italia yo mu Butaliyano, Lukaku yavuze ko atari yishimiye uko ibintu bimeze, yongerako ati: "Ariko ndi umukozi, rero sinshobora gucika intege".

Uyu mubirigi w'imyaka 28 yasubiye muri Chelsea, umurwi watsindiye ihiganwa mpuzamirwi ya Bulaya, mu kwa munani, aguzwe amafaranga atari bwigere agurwa uwundi mukinyi muri uyo murwi, imiriyoni hafi 132 z'amadorari y'abanyamerika.

Amaze gutsinda ibitsindo indwi mu nkino 18 amaze gukina kuva asubiye muri uyo murwi, ariko kandi akaba yagiye ahura n'ibibazo vy'imvune n'indwara.

Inyuma y'ikiyago yagiranye na Tuchel ku bijanye n'ikibanza ciwe, Lukaku amaze kwinjiza ibitsindo bibiri mu nkino zibiri nyene za Premier League kuva ico gihe.

Uyu mumenyereza wa Chelsea ati: "Tuzovugana na Lukaku kandi tuzobikora atawuduhanze amaso kandi ataguhishanya nk'uko nibaza imigenderanire imeze uko yamye imeze".

"Isi imeze uko imeze ubu, nta kintu na kimwe kitazwi. Iyo uri umukinyi w'igihangange nka Romelu, arazi agaciro kiwe iyo avuze ibintu nk'ibi".

Tuchel yongerako ati: "Si ngombwa ko utegerezwa kuba wumvikana na bose kugira ngo ugize ico ushitseko. Ntutegerezwa guhoberana na bose kandi ntutegerezwa gukundwa na bose imisi yose. Ni vyiza rimwe na rimwe kuba mu bibazo.

"Ku bijanye na Romelu si nibaza ko muri ino nzu hari umuntu yoba azi ko atamerewe neza. Iki nico kidutangaza cane twumvise amajambo yiwe. Ni ngombwa ko tuvyitondera kuko simbona igituma vyoba nk'uku".