Aho Chelsea itsindiye Champions League, Mason Mount ati 'turi umurwi wa mbere ukomeye kw'isi'

Mason Mount arashimagiza Chelsea aho avuga ko ari wo "murwi wa mbere ukomeye kw'isi" inyuma y'aho aba Blues bakubitiye Manchester City mu rukino rwa nyuma rwa Champions League.

Umukinyi w'imbere w'umudagi Kai Havertz niwe yinjije igitsindo kimwe rudende c'urwo rukino rwa nyuma rwakiniwe i Porto muri Portugal cahaye itsinzi igira kabiri aba Blues (izina rihabwa umurwi wa Chelsea) muri iryo higanwa yatsindiye ku ncuro ya mbere mu 2012.

Mu ntango z'uyu mwaka w'inkino urangiye, City yatanguye gukina irondera gutwara ibikombe bine vyose mu mwaka umwe, ariko rero Chelsea ikaba yabanje kuyihumira mu gikombe c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza (FA Cup).

Mount ati: "Turi muri finale kandi twayitsindiye. Ni iteka ridasanzwe".

Uyu mukinyi Mount wo hagati, ari nawe yatanze umupira wavuyemwo iki gitsindo, yabwiye ikinyamakuru c'inkino BT Sport ati: "Si mbona amajambo nokoresha. Sindavyumva. Narakinye inkino zibiri za nyuma za Chelsea zose turazitsindwa. Iki nico kintu narondera, Gutsindira igikombe muri Chelsea".

"Mu rugendo rwose rwa Champions League twagiye dukina inkino zigoye cane. Ubu muri kino gihe, turi umurwi wa mbere ukomeye kw'isi. aho nta n'umwe ashobora kutwaka iri teka".

Mount yarashizwe ku rutonde mfatakibanza rw'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Buraya mu ci (European Championship), kandi uko vyogenda kwose azokina iryo higanwa, kumwe n'abandi bakinyi bagenziwe bakinanye muri uru rukino rwa nyuma.

Yongerako ati: "Bamwe muri aba bahungu ba City tuzoba turi kumwe kandi ndazi ko kizoba ari ikintu kitoroshe. Naraganiriye na bo, bari babikwiriye gushika hano".

"Ntivyoroshe kuri bo ariko ndizeye ko mu mwaka w'inkino uza, tuzokora uko dushoboye kugiradushike ku kintu muri Premier League naho nyene."

Kizigenza Cesar Azpilicueta arishimira "umusi udasanzwe, udasanzwe na gato" akaba yabwiye BT Sport ati: "[Kai Havertz] ntiyahahamutse. Si n'ico gusa. Afise umuvuduko udasanzwe. Nico gituma yashitse kuri ibi".

"Nashitse hano mu 2012 inyuma y'irya ntsinzi yo muri Champions League. Naripfuza gusubira kuronka intsinzi nk'irya. Ni ibintu biryoshe cane. Umuryango wanje uri hano. Ni umusi udasanzwe, udasanzwe na gato".

Kuva ashitse i Stamford Bridge avuye muri Bayer Leverkusen mu ci riheze, Havertz ntiyorohewe, yagumye arwana kugira ashobore gushika ku rugero rwiza ariko kandi arondera kwiyubaka inyuma y'aho yanduriye Covid-19.

Inyuma y'iyi ntsinzi yavuze ati: "Narihanganye imyaka 15 yose kugira nshike hano, ico narondera ngiye ndagishikako".

'Ni indoto yagiye mu ngiro'

Umukinyi wo ku ruhande rw'ibubamfu w'Umwongereza Ben Chilwell ni uwundi mukinyi yaguzwe n'uwahoze amenyereza uyu murwi Frank Lampard mu ci riheze.

Uyu mukinyi yahoze akinira Leicester yaracitse intege mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA rwagiye gutsindwa n'uyo murwi yahoze akinira, aho yinjije igitsindo muri wa mwanya w'agasunuzo ariko kigafutwa, maze aba Foxes (umurwi wa Leicester) uterura igikombe.

Chilwell ati: "Uno musi twarwanye urugamba rutoroshe. Twari tuzi neza ko ari urukino rukomeye. Mu gice ca kabiri twakinye nk'abita kugira dushike muri uyu mwanya, tugire uyu munezero. Iki ni co canzanye muri Chelsea. Ni indoto yagiye mu ngiro".

"Ica ngombwa kwari ukwitanga. Hageze igihe ndumva ko ndushe ariko iyo uriko ukina uzi ko utegerezwa gutsindira Champions League, ntavyo kuruha".

"Buri muntu yarwanira ubuzima bwiwe. Twatsindiye igikombe ca Champions League, rero ikindaje ishinga si ingene twakinye".

'Twashaka kubabera ifuri ry'igiti'

Thomas Tuchel yarashoboye guhindura Chelsea inyuma y'aho asubiriye Lampard nk'umumenyereza, akaba atsindiye ihiganwa ry'imirwi rya mbere i Buraya mu nkino ziwe 30 zonyene muri uyo murwi.

Iyi ntsinzi ije haciye umwaka ashikanye Paris St-Germain mu rukino rwa nyuma nyene rwa Champions League, aho yatsinzwe na Bayern Munich.

Yabwiye BT Sport ati: "Ni ukuri ni ibintu biryoshe. Twatsinze. Wow. Sinzi ingene nobivuga".

"Ni umunezero kuri jewe kubona nshitse ubwa kabiri muri finale. Numva ndi uwundi muntu".

"Abakinyi bari biyemeje ko bategerezwa gutsinda uru rukino. twashaka kubabera ifuri ry'igiti. Twabandanije dutera intege bose, bahagarare rugabo kugira berekane ubutwari bwabo, bongere basatire".

"Rwari urukino rutoroshe, rw'inguvu nyinshi. Twategerezwa gufatana mu nda".

Uyu mudagi Tuchel yari yahawe amasezerano y'amezi 18 yonyene igihe ashika muri uyu murwi mu kwa mbere, kandi akaba yagiye kubonana ubwa mbere na nyene umurwi Roman Abramovich amaso mu yandi ejo urukino ruheze.

Ati: "Kumbure ngiye guhabwa ayandi masezerano kubera iyi ntsinzi. Mpejeje kuvugana na Roman ubu nyene kandi kari akanyamuneza kubona tubonanye ubwa mbere, cari igihe ciza, ariko nta wubizi kumbure cari igihe kibi, nta wuzi ko ibintu bitagiye kuba bibi gusumba".

'Tuchel umumago'

Uwahoze ari umusatirizi wa Chelsea Chris Sutton kuri BBC Radio 5 Live ati: "I Porto vyari bimeze neza cane, biteye ubwoba, bazibiye neza, neza cane. Chelsea yari iteye ubwoba. Ni ukuri iyi ntsinzi bari bayikwiye, iyo hoho Werner ashobora gutera ikindi, vyari kuba ibinti bintu".

"Kai Havertz nta bintu birengeje yerekanye muri uno mwaka, ariko yashoboye gutsinda igitsindo gikomeye. Barateguwe neza bakaba bashoboye gukora ico bajejwe. Ni ikintu kidasanzwe kuri Chelsea na Thomas Tuchel.

"Umuntu yaribaza iyo azoshobora gushikana uyu murwi none raba yawushikanye ku ntsinzi ya Champions League. Iki nico gikombe Pep Guardiola yarondera ariko urabona ko atashoboye gukora uko yategerezwa muri iri joro".

Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester United Rio Ferdinand kuri BT Sport: "Gukora nk'ivyo akoze ushitse mu murwi hagati mu mwaka ntaho bitandukaniye n'ukuba umumago (magician/magicien)".

"Bagumye bashize hamwe, yaba umurwi canke abakinyi ku giti cabo, twagumye tubafiseko amakenga ariko uno musi bari bariye amavubi".

"Yaraje muri kino gihugu ahura na Pep Guardiola incuro zitatu zose muri uno mwaka kandi zose yarazitsinze".

Joe Cole na we yahoze akina muri Chelsea kuri BT Sport ati: "Jewe nari niyicariye mubafana, kuva kuri Edouard Mendy [umunyegori] gushika ku wa nyuma muri uyo murwi, bose ni incungu.

"Rwari urukino rudasanzwe na gato. Kuri jewe, aba bahungu bose ni intwari".