Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Olempike Tokyo 2020: Abanonotsi b'Abanyafrika bo kurabira hafi
Abanonotsi b'Abanyafrika bahiganwa mu kwiruka barazwi cane ku kuntu biharira amahiganwa ya Olempike mu gusiganwa ahantu hagereranye canke harehare.
Uno mwaka, inkino zitanu zongewe mu zikinwa muri Olempike - kunyerera ku mazi, umukino wo kwurira ahahanamye, baseball/softball, skateboarding na karate - kandi abanonotsi b'Abanyafrika baraserukiwe.
Mu gihe ihiganwa Olempike ritangura i Tokyo ku tariki 23 z'ukw'indwi, turaraba abanonotsi b'Abanyafrika bo gukurikiranira hafi muri iri higanwa - kuva kuri bashasha baje ubwa mbere gushika ku babirambiyemwo barondera kwiyongera ishema.