CPI/ICC: Ni nde agiye gusubirira Fatou Bensouda?

Fatou Bensouda azorangiza ikiringo ciwe mu kwa gatandatu uno mwaka.
Insiguro y'isanamu, Fatou Bensouda azorangiza ikiringo ciwe mu kwa gatandatu uno mwaka.

Umwongereza Karim Khan ni we ahabwa amahirwe menshi yo gushobora gusubirira Fatou Bensouda kurongora Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha.

BBC yamenye ko umushingwamanza Khan ubu ari umwe mu bantu bane bonyene basigaye barwanira gusubirira uyu munya Gambiya Fatou azorangiza ikiringo ciwe mu kwa gatandatu uno mwaka.

Abandi batanu barimwo abacamanza Susan Okalany wo muri Uganda na Morris Anyah, umucamanza wo muri Nigeria, basubiye inyuma cane.

Abandi basigaye barimwo Fergal Gaynor ava Ireland, umunya Espagne Ferdinand Carlos Castresana hamwe n'umushikirizamanza wo mu Butaliyano Francesco Lo Voi.

Ibihugu bihurikiye muri Sentare Mpuzamakungu Manavyaha (CPI/ICC) barahurira i New York mu masaha ari imbere kuri uyu wa gatanu 12/02/2021 kugira ngo batore umukuru wayo.

Bensouda arongoye iyo sentare kuva mu 2011, yari yasubiriye umunya Argentina Luis Moreno Ocampo.

Urwanda n'Uburundi biri mu bihugu bitemera iyi sentare.

Mu kiringo ciwe, Fatou Bensouda yashoboye guca imanza nyinshi gusumba uwo yari yasubiriye, uruheruka rukaba ari urwaciriwe umwe mu ntwazangabo z'inyeshamba za Uganda Dominic Ongwen muri kuno kwezi nyene kwa 2 ku vyaha vyo mu ntambara yagirizwa.

Hagati aho, iyi sentare yaraneguwe cane, cane cane n'ibihugu vya Afrika, biyagiriza ko yashinzwe kugira ngo ihohotere Abanyafrika.

Hari ibihugu bimwe bimwe vya Afrika, harimwo Uburundi, Gambia na Afrika y'Epfo, vyagabishije ko vyashobora kuvavanura n'iyi sentare, mbere Uburundi bwobwo bukaba bwaciye buyivamwo mu 2017.

Uretse Abanyafrika, mu kwezi guheze Bensouda yankiwe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'uwari umukuru w'ico gihugu Donald Trump, inyuma y'aho atereye igikumu kw'itegeko rifatira ibihano mu vyo ubutunzi kuri uyu munya Gambia arongoye iyi sentare.

Ibihugu 123 nivyo bihurikiye muri iyi sentare, muri vyo 33 ni ivyo ku mugabane wa Afrika.

Umukuru w'iyi sentare atorerwa ikiringo kimwe c'imyaka icenda kandi ntashobora kwiyongera.

Amatora aba mu mwiherero ariko mu bisanzwe habanza kuba umwumvikano.