Papa Bouba Diop yahoze akinira Senegal n'imirwi yo mu Bwongereza yapfuye ku myaka 42

Papa Bouba Diop yahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu wa Senegal, be no mu mirwi ya Fulham na Portsmouth yapfuye afise imyaka 42.

Diop yakinye inkino 129 mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League, mbere akaba yaranakiniye n'imirwi ya West Ham United na Birmingham City mu Bwongereza.

Diop yarakiniye umurwi nserukiragihugu wa Senegal mw'igihanwa ry'igikombe c'isi mu 2002, akaba ari we yinjije igitsindo catumye iki gihugu gitsinda Ubufaransa 1-0.

Fifa yanditse ku mbuga hwaniro iti: "Warabaye intwari mu gikombe c'isi, uzokwama uri intwari".

Ubutumwa bw'umurwi Fulham yacishije ku rubuga rwa Twitter, buvuga ko uyu murwi "wababaye cane".

Iki gihe Senegal ija muri rino higanwa ry'igikombe c'isi mu 2002, niho yashika mu gice ca kane gishira ica nyuma, Diop akaba yashoboye kwinjiza ibitsindo bibiri mu rukino rwo gukuranamwo rwayihuje na Uruguay, rukarangira ari 3-3.

Yakiniye kandi Senegal mu mahiganwa ane y'igikombe ca Afrika, harimwo igihe Senegal irangiza ihiganwa ari iya kabiri mu 2002. Diop yasezeye mu mupira w'amaguru mu 2013.

Diop yarafashije umurwi wa Portsmouth gutwara igikombe ca FA mu 2008, igihe wari usanzwe umenyerezwa na Harry Redknapp.

Redknapp yabwiye iradiyo BBC Radio 5 Live ati: "Yari umuntu ameze neza cane".

"Yambereye umuntu mwiza cane, umuntu w'imico ikomeye, yama anezerewe kandi yarangwa n'akamwemwe mu maso. Yari umuntu w'igihangange".

"Nta mutima mubi yari afise. N'aho yaboneka ko umengo ateye ubwoba mu kibuga kuko yari afise igihagararo kinini, nta kabi kari muri we".

"Nifatanije n'umuryango wiwe".

Umukuru w'igihugu ca Senegal, Macky Sall, avuga ko urupfu rwa Diop "ari incamugongo kuri Senegal", nayo Sadio Mane akina hagati muri Liverpool yanditse ku rubuga rwa Instagram ati: "Papa Bouba, Turababaye cane twumvise urupfu rwawe. Tukwemereye ko uzoguma mu mitima yacu n'aho ugiye utadusezeye".