Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupira w'amaguru muri Ghana wahagaritswe vy'imfatakibanza kubera coronavirus
Inkino z'umupira w'amaguru muri Ghana zahagaritswe mu bice zari zigezemwo vyose inyuma y'isohoka ry'itegeko rya leta
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Ghana ryafashe iyo ngingo ku musi w'Imana, inyuma yaho umukuru w'ico gihugu Nana Akufo-Addo, ategekeye ko hahagarikwa mugihe mfatakibanza amahwaniro y'abantu benshi, harimwo itunganywa ry'imikino.
Urwandiko rwasohotse rumenyesha ko hakurikijwe intumbero zatanzwe n'umukuru w'igihugu.
Ishirahamwe rijewe umupira w'amaguru muri Ghana ryahagaritse mu kiringo mfatakibanza amahiganwa yose kandi iyo ngingo yatanguye kuja mu ngiro ubwo nyene gushika habaye irindi tegeko.
Iri shirahamwe ryari rifise icizere ko rishobora kubandanya imikino, hakabandanya hisungwa impanuro z'abayozi b'igisata c'amagara y'abantu, ariko itangazo rya leta ryamenyesheje ko ritabishigikiye.
Igihugu ca Ghana cakurikiye ibindi bihugu vyinshi mu guhagarika vy'imfatakibanza umupira w'amaguru.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryari mu gihugu ca Kameruni mu mpera z'indwi kugira ryihweze ibijanye na kazoza k'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, riziga gukinwa guhera mu kwezi kwa 4.
Icegeranyo ca komisiyo kizoshikirizwa vuba CAF