Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umurwi Man Utd uvuga ko 'ubabajwe cane' n'ityozwa rishingiye ku rukoba ryakorewe Paul Pogba
Manchester United ivuga ko iriko "irakora amatohoza kugira imenye" abakwiragije ku mbuga hwaniro inzandiko z'amacakubiri y'urukoba ku mukinyi Paul Pogba akina hagati muri uwo murwi.
Pogba w'imyaka 26 yahushije penalty ejo ku wa mbere mu rukino rwahuje Man United na Wolves, ruza kurangira ari igitsindo kimwe ku kindi.
Agize umukinyi wa gatatu mu kiringo c'indwi imwe gusa akorewe ityozwa rishingiye ku rukoba ku mbuga hwaniro kubera yahushije penalty, inyuma ya Yakou Méïté wa Reading na Tammy Abraham wa Chelsea.
Umurwi wa Man United uvuga ko "ubabajwe cane" n'iryo tyozwa kandi ko "uryiyamirije wivuye inyuma".
Mw'itangazo wasohoye uvuga uti: "Abo bantu banditse ivyo baciye kubiri n'akaranga k'umurwi wacu rurangiranwa kandi urahimiriza abakunzi bawo ko bokwiyamiriza ivyo bintu ku mbuga hwaniro ari benshi".
"Manchester United ntishobora kwihanganira na gato amacakubiri canke ikumira iryo ari ryo ryose kandi itanguje isekeza #AllRedAllEqual initiative rizomara igihe kirekire ry'ukurwanya ako kabi".
"Tuzokora ibishoboka vyose kugira tumenye abo bose babigizemwo uruhara twongere dufate n'ingingo ruhasha zose zishoboka. Dusavye kandi n'amakompanyi y'imbuga hwaniro gufata ingingo muri iyi ntumbero".
Ku munsi wa Mungu, umusatirizi Yakou Méïté wa Reading yariyamirije ityoza rifatiye ku rukoba yakorewe ku mbuga hwaniro inyuma y'aho ahushirije penalty.
Uyo mukinyi akomoka muri Côte d'Ivoire w'imyaka 23, yinjiye ku munota wa 80 igihe Reading yahura na Cardiff aca ahusha penalty ku munota wa 91.
Mu ndwi iheze, Chelsea yariyamirije "inzandiko z'urwanko" ku mukinyi Tammy Abraham inyuma y'aho uyo murwi utsindiwe na Liverpool mu rukino rwa nyuma rwa Super Cup.
Umumenyereza wa Chelsea Frank Lampard avuga ko "yababajwe cane" n'ityozwa ry'uyo mukinyi w'imbere w'imyaka 21.
Asaba amakompanyi y'imbuga hwaniro gukora ibishoboka vyose kugira ahagarike ingeso y'ukwifatira mu gahanga abakinyi.
Eka n'abandi bakunzi ntibatevye kwiyamiriza ama tweet yarimwo amajambo y'amacakubiri yanditswe kuri Pogba - yari yaronse penalty kw'ikosa yakorewe mu nyuma arayihusha - ejo ku munsi wa mbere.
Ama tweets amwe amwe yarafuswe, mu gihe n'ama "comptes" atari make nayo nyene yasa n'ayari yafuswe.
Amategeko ngenderwako ya Twitter avuga ko "ishobora gufata ingingo ku nyifato y'ugutyoza abantu".
Mu kwezi kw'indwi, ishirahamwe rirwanya amacakubiri y'urukoba, Kick It Out, ryarasohoye icegeranyo cerekana ko amakuru ajanye n'amacakubiri y'urukoba yiyongereye ku bice 43% mu mwaka w'inkino uheze, aho yabonetse incuro 274 ugereranije na 192 yari yabonetse mu mwaka waheruka.